Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Psalms 23 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Ni Zaburi ya Dawidi.

1Uhoraho ni we Mwungere wanje, nta co nkenye.

2Ampa kuruhukira mu canya c’ubwatsi butotahaye,andongorera i ruhande y’amazi adasuma,

3asubiza intege mu mutima wanje.Andongorera mu nzira z’ukuri,kugira ngo aheshe icubahiro izina ryiwe.

4Mbere naho noca mu mwonga w’umwijima w’urupfu,sinzogira ikibi ntinya,kuko uri kumwe nanje;inkoni yawe n’ubuhiri bwaweni vyo binkingira bikampumuriza.

5Untegurira umusi mukurumu maso y’abansi banje.Unsuka amavuta ku mutwe;igikombe canje kirasesekaye.

6Ni ukuri ukugira neza kwawe n’urukundo rwawe bizonkurikiranaimisi yose y’ukubaho kwanje,nanje nzoba mu Ngoro y’Uhorahoibihe vyose.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]