Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Psalms 24 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Ni Zaburi ya Dawidi.

1Isi ni iy’Uhoraho, n’ibiri muri yo vyose,isi n’ababa muri yo bose;

2kuko yashize amatanguriro yayo ku biyagaakayishinga ku mazi menshi.

3Ni nde azoduga umusozi w’Uhoraho?Ni nde azohagarara ahera hiwe?

4Ni uwufise amaboko atanduye n’umutima utunganye,atizigira ikigirwamanacanke ngo arahire imana z’ibinyoma.

5Uwo ni we azohabwa umugisha uva k’Uhorahono kuburanirwa n’Imana Umukiza wiwe.

6Urwo ni rwo runganwe rw’abamurondera,bakarondera mu nyonga hawe, ewe Mana ya Yakobo.

7Nimwiyugurure, yemwe marembo;nimwiyugurure, mwa nzugi z’ibihe vya kera,kugira ngo Umwami w’ubwiza yinjire.

8Uwo mwami w’ubwiza ni nde?Ni Uhoraho umunyenkomezi kandi umunyabushobozi,ni Uhoraho umuhizi mu ntambara.

9Nimwiyugurure, yemwe marembo;nimwiyugurure, yemwe nzugi z’ibihe vya kera,kugira ngo Umwami w’ubwiza yinjire.

10Uwo Mwami w’ubwiza ni nde?Ni Uhoraho Mushoboravyose;ni we Mwami w’ubwiza.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]