Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Psalms 12 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Sheminite. Ni Zaburi ya Dawidi.

1Tabara, ewe Uhoraho, kuko ata mwizigirwa agisigaye;abizigirwa baheze mu bantu.

2Umuntu wese ahenda mugenziwe;bahendanisha iminwa yaboariko imitima yabo yuzuye ubugunge.

3Icompa Uhoraho akazibiza iminwa ihendanan’ururimi rwose rwishira hejuru.

4Bavuga bati:“Tuzotsinda ku bw’indimi zacu;iminwa yacu ubwacu ni yo izotuburanira; ni nde atuganza?”

5Ariko Uhoraho avuze ati:“Kubera abakene banyazwe ivyabo n’abagorwa baniha,ngira mve hasi ndabakize ababasuzugura.”

6Kandi amajambo y’Uhoraho ni ay’ukuri,nk’ifeza zavugutiwe mu ruganda,nk’inzahabu zavugutiwe incuro indwi.

7Ewe, Uhoraho, uzozigama umugorwa amahoro,kandi uzoturinda umunyakibi ibihe vyose.

8Abantu nk’abo bigenza ahantu hoseiyo ikibi cahawe intebe mu bantu.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]