Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Psalms 11 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.

1Uhoraho ni we mpungirako.None ni kuki mwombwira muti:“Guruka uhungire ku musozi nk’inyoni kugira ngo ukire!

2Kuko raba abanyakibi bafoye imiheto yabo;batumbereje imyampi yabongo barasire mu mwijimauwutunganye mu mutima.

3Nimba amatanguriro asambuwe,mbega umugororotsi yokora iki?”

4Uhoraho ari mu Ngoro yiwe yera;Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe y’ubwami yo mw’ijuru.Araba abantu bose bari mw’isi;inyonga ziwe zirabagenzura.

5Uhoraho agenzura abagororotsi,ariko abanyakibi, bamwe bakunda umuryano,abanka urunuka.

6Abanyakibi azobacukumburirakoamakara arurumba n’amazuku yaka umuriro;umuyaga uturira ni wo uzoba umugabane wabo.

7Kuko Uhoraho agororotse,akunda ubutungane;abatunganye bazobona mu nyonga hiwe.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]