Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Psalms 13 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.

1Uzogeza ryari, ewe Uhoraho? Mbega uzonyibagira ibihe bidashira?Uzogeza ryari kumpisha mu nyonga hawe?

2Nzogeza ryari kwama ngwana n’ivyiyumviro vyanjeno kwama mfise umubabaro wo mu mutima ku musi ku musi?Umwansi wanje azogeza ryari kunyitamba ku muvyimba?

3Ndaba maze unyishure, ewe Uhoraho Mana yanje.Umurikire amaso yanje, kugira ngo sinsinzirire mu rupfu,

4maze umwansi wanje akavuga ati: “Ndamunesheje,”abangwanya bakanezerezwa n’uko ntevye.

5Ariko nizigiye urukundo rwawe rudashira;umutima wanje unezerererwa agakiza kawe.

6Nzoririmba ishimwe ry’Uhoraho,kuko yangiriye neza.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]