Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Psalms 14 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Yahawe umukuru w’abaririmvyi: ni Zaburi ya Dawidi.

1Igipfu cibwira mu mutima kiti:“Nta Mana iriho.”Abantu nk’abo barononekaye, ibikorwa vyabo biteye isoni,nta n’umwe muri bo akora ivyiza.

2Uhoraho arunguruka ari mw’ijuruakitegereza abana b’abantungo arabe ko hari n’umwe atahura,canke ko hari n’umwe arondera Imana.

3Bose barazimiye, bose barononekaye;nta wukora ivyiza,eka nta n’umwe.

4Mbega abo bantu b’inkozi z’ikibi bose nta co bazi?Barya abantu banje nk’abarya umutsima;ntibigera bambaza Uhoraho.

5Ariko aho nyene ni ho ubwoba bubafatiye,kuko Imana iri mw’ikoraniro ry’abagororotsi.

6Mwebwe abakora ibibi mwica imigambi y’abakene,ariko Uhoraho ni ubuhungiro bwabo.

7Ese icompa agakiza ka Isirayeli kakaza kavuye i Siyoni!Aho Uhoraho azosubirira guhezagira abantu biwe;aba Yakobo baze banezerwe, Abisirayeli bahimbarwe!

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]