Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Psalms 15 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Ni Zaburi ya Dawidi.

1Uhoraho, ni nde azoba mw’ihema ryawe ryera?Ni nde ashobora kuba ku musozi wawe wera?

2Ni uwutagira umugayo mu buzima bwiwe,akora ibigororotse,akavuga ukuri kuvuye mu mutima;

3ururimi rwiwe ntiruvuge nabi abandi,ntagirire nabi mugenziwe,ntavuge ibibi ku bandi.

4Akengera abakora ibibiariko akubaha abubaha Uhoraho.Yubahiriza ico yarahiye naho comugirira nabi,ntiyihindukize mw’ijambo;

5agurana abakene atiteze inyungu;ntiyemera igiturire ngo arenganye uwuri mu kuri.Uwukora ivyontazokwigera anyiganyizwa.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]