Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Psalms 1 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Igitabu ca mbere

1Hahiriwe umuntuadakurikiza impanuro z’abanyakibi,ntahagarare mu nzira y’abanyavyaha,canke ngo yicarane n’abacokoranyi,

2ahubwo agahimbarwa n’Ivyagezwe vy’Uhoraho,akaba ari vyo ashirako umutima ku murango no mw’ijoro.

3Ameze nk’igiti catewe i ruhande y’imigezi y’amazi,kikama mu gihe caco,kandi amababi yaco ntiyuma.Ico akoze cose kiratera imbere.

4Ariko abanyakibi si ko bameze!Bo bameze nk’umugurukautumurwa n’umuyaga.

5Ni co gituma abanyakibi batazohagarara ku musi w’urubanza,canke abanyavyaha mw’ikoraniro ry’abagororotsi.

6Kuko Uhoraho arinda inzira y’abagororotsi,ariko inzira y’abanyakibi ijana mu mahonero.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]