Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Psalms 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Blessed is the one who does not walk in the counsel of the wicked, nor stand among sinners, nor sit in the seat of mockers, Hahiriwe umuntu adakurikiza impanuro z’abanyakibi, ntahagarare mu nzira y’abanyavyaha, canke ngo yicarane n’abacokoranyi,
2 but his delight is in the law of our Father, and on his law he meditates day and night. ahubwo agahimbarwa n’Ivyagezwe vy’Uhoraho, akaba ari vyo ashirako umutima ku murango no mw’ijoro.
3 He is like a tree planted by streams of water, which yields its fruit in its season, and its leaf does not wither—and whatever he does prospers. Ameze nk’igiti catewe i ruhande y’imigezi y’amazi, kikama mu gihe caco, kandi amababi yaco ntiyuma. Ico akoze cose kiratera imbere.
4 Not so the wicked! They are like chaff that the wind drives away. Ariko abanyakibi si ko bameze! Bo bameze nk’umuguruka utumurwa n’umuyaga.
5 Therefore the wicked will not stand in the judgment, nor sinners in the assembly of the righteous. Ni co gituma abanyakibi batazohagarara ku musi w’urubanza, canke abanyavyaha mw’ikoraniro ry’abagororotsi.
6 For our Father watches over the way of the righteous, but the way of the wicked will perish. Kuko Uhoraho arinda inzira y’abagororotsi, ariko inzira y’abanyakibi ijana mu mahonero.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]