Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Psalms 3 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Zaburi Dawidi yanditse igihe yahunga umuhungu wiwe Abusalomu.

1Uhoraho, abanyanka ni benshi!Abampagurukiye baragwiriye!

2Benshi bamvugako bati:“Imana ntizomukiza.”

3Ariko wewe Uhoraho, uri inkinzo inkingira impande zose,uri icubahiro canje, uwutuma mpagarara nemye.

4Nambaza Uhoraho,na we akanyishura ari ku musozi wiwe wera.

5Ndaryama ngasinzira;nkongera nkikangura, kuko Uhoraho ari we anshigikiye.

6Sinzotinya naho ingabo ibihumbi vyinshizonyugariza impande zose.

7Haguruka, ewe Uhoraho!Ntabara, ewe Mana yanje!Kubita abansi banje bose mu musaya;uhongore amenyo y’abanyakibi.

8Ugutabarwa kuva k’Uhoraho.Umugisha wawe nube ku bantu bawe.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]