Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Psalms 20 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.

1Uhoraho akwishure ku musi w’amagorwa;izina ry’Imana ya Yakobo rikurinde.

2Akurungikire ugutabarwa kuva ahera hiwe,agushigikire ari i Siyoni.

3Niyibuke ibimazi vyawe,yemere amashikanwa yawe yose.

4Aguhe ico umutima wawe ushakaimigambi yawe yose ije mu ngiro.

5Tuze turirimbishwe n’umunezero niwaneshatuduze amabendera yacu mw’izina ry’Imana yacu.Uhoraho akwishure ivyo wamusavye vyose.

6Ubu ni ho nkimenya:Uhoraho aha intsinzi uwo yarobanuje amavuta.Amwishura ari ahera hiwe mw’ijuruakamwishurisha inkomezi zo kunesha zo mu kuboko kwiwe kw’i buryo.

7Bamwe bishimira imikogote abandi bakishimira amafarasi yabo,ariko tweho twizigira izina ry’Uhoraho Imana yacu.

8Bacishijwe bugufi baratemba,ariko twebwe tuvuye hasi turashikama.

9Uhoraho, uhe umwami intsinzi!Kandi utwishure nitwakwambaza!

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]