Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ecclesiastes 11 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Cast your bread upon the waters, for after many days you will find it again. Terera ivyokurya vyawe ku mazi, inyuma y’imisi myinshi uzokwironkera inyungu.
2 Give a portion to seven, or even to eight, for you do not know what disaster may come upon the land. Shira umutahe wawe ahantu indwi, mbere umunani, kuko utazi igihe ivyago bishobora kuzozirako mu gihugu.
3 If the clouds are full, they pour out rain upon the earth; and if a tree falls to the south or to the north, in the place where it falls, there it will lie. Iyo ibicu vyuzuye amazi, bituma imvura igwa kw’isi. Igiti gishobora kugwa cerekeye mu bumanuko canke mu buraruko, kandi aho kiguye ni ho kizoguma kiryamye.
4 Whoever watches the wind will never sow, and whoever studies the clouds will never reap. Uwuraba umuyaga ntazobiba; kandi uwuraba ibicu ntazokwimbura.
5 Just as you do not know the path of the wind, or how the bones are formed in the womb of a pregnant woman, so you cannot know the work of God, who makes everything. Uko utazi inzira y’umuyaga, canke uko umwana akurira mu nda ya nyina wiwe, ni ko udashobora gutahura igikorwa c’Imana, umuremyi w’ibintu vyose.
6 Sow your seed in the morning, and at evening do not let your hand rest, for you do not know which will succeed—this or that—or whether both alike will do well. Biba imbuto zawe mu gitondo, no ku mugoroba nturere amaboko, kuko utazi izizokwera, nimba ari izi canke ziriya, canke ko zose zizomera neza.
7 Light is sweet, and it is pleasant for the eyes to see the sun. Umuco ni mwiza, kandi biranezera amaso kubona izuba.
8 So if a person lives many years, let them rejoice in them all; but let them remember the days of darkness, for they will be many. Everything that comes is fleeting. Igihe abantu baramvye bakamara imyaka myinshi, baze bayinezerererwe yose. Ariko baze bame bibuka imisi y’umwijima, kuko izoba myinshi, kandi ivyitezwe vyose bikaba ari ubusa.
9 Rejoice, young man, in your youth, and let your heart give you gladness in the days of your youth. Walk in the ways of your heart and in the sight of your eyes; but know that for all these things God will bring you into judgment. Ewe muntu ukiri muto, nezererwa ubwo buto bwawe, kandi ukore ibinezereza umutima wawe mu misi y’ubuto bwawe. Ukurikire inzira z’umutima wawe, n’ibintu vyose amaso yawe akwereka, ariko umenye ko muri ivyo vyose, Imana izokurengutsa mu rubanza.
10 So banish frustration from your heart, and put away pain from your body, for youth and the dawn of life are fleeting. Nuko rero, irinde kugira amaganya mu mutima wawe ushire kure y’umubiri wawe ikibi cose, kuko ubuto no kugira inkomezi ari ubusa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]