Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ecclesiastes 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Dead flies make the perfumer's oil stink and ferment; so a little foolishness outweighs wisdom and honor. Nk’uko isazi zipfiriye mu mavuta zituma anuka, ni ko n’ubupfu bukeya buhindura ubusa ubwenge n’icubahiro.
2 The heart of the wise inclines to his right, but the heart of a fool to his left. Umutima w’umunyabwenge uhengamira i buryo, ariko umutima w’igipfu uhengamira i bubamfu.
3 Even when the fool walks along the road, he lacks sense, and he shows everyone that he is a fool. No mu gihe igipfu kigendagenda mu nzira, kigenda ata bwenge kandi abantu bose barabona ubupfu bwaco.
4 If the ruler's anger rises against you, do not leave your post, for calmness lays great offenses to rest. Uburake bw’uwukuganza nibwaba bwinshi, ntuze uve ku kirindiro cawe; ukwitonda kwawe gushobora gutuma uharirwa ibibi vyinshi.
5 There is an evil I have seen under the sun, the kind of error that comes from a ruler: Hari ikibi nabonye musi y’izuba, ni akarenganyo gatewe n’uwuganza:
6 foolishness is set in many high places, while the rich sit in low positions. Ibipfu bishirwa mu bibanza vyo hejuru, ariko abatunzi bagashirwa hasi.
7 I have seen slaves on horseback, and princes walking on foot like slaves. Nabonye abagurano bagendera ku mafarasi, ariko abaganwa bagenda n’amaguru nk’abagurano.
8 Whoever digs a pit may fall into it, and whoever breaks through a wall may be bitten by a snake. Uwimba ikinogo azokigwamwo; kandi uwumena uruhome ashobora gukomorwa n’inzoka.
9 Whoever quarries stones may be hurt by them, and whoever splits logs is endangered by them. Uwutembagaza amabuye azomukomeretsa; kandi uwicira ibiti incabiti ishobora kumutera ingorane.
10 If the axe is dull and its edge is not sharpened, you have to use more strength; but wisdom brings success. Incabiti niyapfuha ubugi bwayo ntibukarishwe, umuntu azoba akwiye gukoresha inkomezi nyinshi ariko ubuhinga butuma umuntu ashika ku vyo yateguye.
11 If the snake bites before it is charmed, the charmer gains nothing. Inzoka igukomoye imbere y’uko igotwa, uwuyigota nta co aba akimaze.
12 A wise man's words bring him favor, but the lips of a fool consume him. Amajambo yo mu kanwa k’umunyabwenge yuzuye ubuntu, ariko iminwa y’igipfu izogihitana.
13 The beginning of his words is foolishness, and the end of his talk is wicked madness. Mu ntango amajambo yaco ni ubupfu; ariko kw’iherezo ni ubusazi bubi,
14 Yet the fool keeps on talking. No one knows what is coming, and who can tell anyone what will happen after him? kandi igipfu kigwiza amajambo. Nta n’umwe azi ibigira bibe, ni nde yomubwira ibizoba inyuma yiwe?
15 Fools wear themselves out with their work, for they do not even know the way to town. Igikorwa c’igipfu kizomuremera; kuko atazi inzira ija mu gisagara.
16 Woe to you, land, when your king is a child and your princes feast in the morning. Uragowe, wa gihugu we, umwami wawe yari umushumba, abaganwa bawe bakinezereza kuva mu gitondo.
17 Blessed are you, land, when your king is the son of nobles and your princes feast at the proper time—for strength, and not for drunkenness. Urahiriwe, wa gihugu we, umwami wawe yavutse ari umuganwa, abaganwa bawe bakinezereza igihe gikwiye kigeze, kugira ngo bagire inkomezi atari ukugira ngo baborerwe.
18 Through laziness the rafters sag, and through idle hands the house leaks. Umuntu niyaba umunebwe, inzu yiwe izosambuka; kandi niyarera amaboko, inzu yiwe izova.
19 Bread is made for laughter, and wine gladdens life, and money answers everything. Umusi mukuru utera kunezerwa, kandi umuvinyu utuma unezereza ubuzima, ariko amahera ni inyishu ku bintu vyose.
20 Do not curse the king even in your thoughts, and do not curse the rich even in your bedroom, for a bird of the sky may carry your words, and a winged creature may report what you say. Ntuvuge umwami nabi naho hoba mu vyiyumviro, canke ngo uvume umutunzi uri mu buriri bwawe, kuko inyoni yohava itwara amajambo yawe, kandi inyoni yo mu kirere yohava imenyesha ivyo wavuze.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]