Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ecclesiastes 9 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 I set my heart to examine all this: the righteous, the wise, and their deeds are in God's hand. Whether love or hatred, no one knows—everything lies ahead of them. Nariyumviriye kuri ivyo vyose nsanga umugororotsi n’umunyabwenge bompi n’ivyo bakora vyose biri mu kuboko kw’Imana, ariko nta n’umwe azi nimba urukundo canke urwanko bimurindiriye.
2 The same happens to everyone: one fate for the righteous and the wicked, the good, the clean and unclean, the one who sacrifices and the one who doesn't. As with the good, so with the sinner; the one who swears an oath, like the one afraid to swear. Iherezo ni rimwe kuri bose, umugororotsi n’umunyakibi, abeza n’ababi, uwuhumanye n’uwudahumanye, abatanga ibimazi n’abatabitanga. Nk’uko bimera ku muntu mwiza, ni ko bimera no ku munyavyaha; uko bimeze ku wusezerana, ni ko bimera no ku wutinya gusezerana.
3 This is the evil in all done under the sun: one fate for all. Human hearts are full of evil, madness fills their hearts while they live—then they go to the dead. Iki ni ikibi kiri mu bintu vyose bibera musi y’izuba: bose bafise iherezo rimwe. Vyongeye, imitima y’abantu yuzuye ibibi kandi mu mitima yabo huzuye ubusazi mu gihe bakiriho, maze iherezo bagahamvya abapfuye.
4 Whoever lives still has hope: a living dog is better than a dead lion. Umuntu wese akiri muzima afise ivyizigiro, kandi imbwa nzima iruta intambwe ipfuye!
5 For the living know they will die, but the dead know nothing; they have no more reward, for their memory is forgotten. Kuko abariho bobo barazi ko bazopfa, ariko abapfuye nta na kimwe bazi; nta yindi ngero biteze, kandi ntibasubira kwibukwa.
6 Their love, their hatred, their envy have already perished; they will never again share in anything done under the sun. Urukundo rwabo, urwanko rwabo n’ishari ryabo vyaribagiranywe; nta mugabane na mutoya bazosubira kuronka mu biba musi y’izuba.
7 Go, eat your bread with joy, drink your wine with a glad heart, for God has already approved your deeds. Genda, urye ivyokurya vyawe unezerewe, kandi unywe umuvinyu wawe n’umutima unezerewe, kuko ari ubu nyene Imana inezererwa ivyo ukora.
8 Let your garments always be white, and let your head never lack oil. Wame wambaye impuzu zera, kandi wisige amavuta ku mutwe.
9 Enjoy life with the wife you love, all the fleeting days of life God has given you under the sun—all your fleeting days—for that is your portion in life and in the toil you labor at under the sun. Nezererwa ubuzima hamwe n’umugore wawe ukunda, imisi yose y’ubu buzima butoya Imana yaguhaye musi y’izuba. Kuko ivyo ari vyo mugabane wawe mu buzima no mu butame bwawe musi y’izuba.
10 Whatever your hand finds to do, do it with your strength, for there's no work or plan or knowledge or wisdom in the grave, where you're going. Ibintu vyose amaboko yawe ahawe gukora, ubikore n’inkomezi zawe zose, kuko mu mva, iyo uzoja, ata gukora canke imigambi, kumenya canke ubwenge.
11 Again I saw under the sun: the race is not to the swift, nor the battle to the strong, nor bread to the wise, nor riches to the discerning, nor favor to the skilled—time and chance happen to them all. Hari ikindi nabonye musi y’izuba. Abanyaruka si bo batsinda mw’ihiganwa, mbere si n’abakomeye mu ntambara. Abanyabwenge si bo baronka ivyokurya, mbere si n’abakerebutse baronka itunga, si n’abize baronka amahirwe; kuko ivyago n’uguhirwa bishika kuri bose.
12 No one knows their time: like fish caught in an evil net, like birds caught in a snare, people are trapped in an evil time that falls on them suddenly. Vyongeye, nta muntu azi igihe isaha yiwe izoshikira. Nk’uko ifi zifatwa mu rusenga, canke inyoni zigafatwa n’umutego, ni ko n’abantu bafatwa n’ibihe bibi bibashikako giturumbuka.
13 I have also seen this example of wisdom under the sun, and it seemed great to me: Kandi nabonye musi y’izuba akandi karorero k’ubwenge kantangaje:
14 A small city with few people: a great king came against it, surrounded it, and built great siegeworks against it. Kera hariho igisagara kimwe kandi gitoya, carimwo abantu bakeya. Maze giterwa n’umwami akomeye, aragikikuza akirundira ibigunguzi vyo kwuririrako ngo agitere.
15 A poor wise man was found in it who saved the city by his wisdom, yet no one remembered that poor man. Muri ico gisagara harimwo umuntu w’umukene ariko w’umunyabwenge, maze akirisha igihugu ubwenge bwiwe. Ariko nta n’umwe yasubiye kwibuka uwo mukene.
16 I said, "Wisdom is better than strength," yet the poor man's wisdom is despised, and his words are unheard. Maze ndavuga nti: “Ubwenge buruta inkomezi.” Ariko bwa bwenge bwa wa mukene bwarakengerewe, kandi amajambo yiwe ntiyasubiye kwibukwa.
17 The quiet words of the wise are heard better than the shouting of a ruler among fools. Amajambo yiyoroheje y’umunyabwenge aruta gukankama kw’umutware w’ibipfu.
18 Wisdom is better than weapons of war, but one sinner destroys much good. Ubwenge buruta ibigwanisho vy’intambara, ariko umunyavyaha umwe asambura ivyiza vyinshi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]