Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ecclesiastes 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Who is like the wise? Who knows what a thing means? A person's wisdom brightens their face; the hardness of their face is changed. Ni nde ameze nk’umunyabwenge? Ni nde azi insiguro y’ibintu? Ubwenge butuma mu maso h’umuntu haca, bugatuma ukwijirirwa kuvaho.
2 Keep the king's command, I say, because of your oath before God. Wubahe itegeko ry’umwami, kuko warahiye imbere y’Imana ko uzobikora.
3 Don't rush to leave his presence, or stand in an evil matter—the king does whatever he pleases. Ntiwihute kuva imbere y’umwami, kandi ntuhaguruke ku bw’inyanduruko mbi, kuko ashobora gukora ikimuhimbaye cose.
4 For the king's word holds supreme authority, and who can say to him, "What are you doing?" Kubera ijambo ry’umwami riruta ayandi yose, ni nde yomubwira ngo: “Ivyo ukora ni ibiki?”
5 Whoever keeps a command knows no harm; a wise heart knows time and way. Uwumvira amabwirizwa yiwe wese ntazogira ingorane, kandi umunyabwenge azomenya igihe gikwiye n’uburyo bwo kubikora.
6 Every matter has its time and way, though one's trouble weighs heavy on him. Kuko hari igihe gikwiye n’uburyo bwo gukora ikintu cose, naho ubworo bw’umuntu buremera cane.
7 For no one knows what is to come, and who can tell them how it will be? Ko ata n’umwe azi ibizoba ejo, none ni nde yobwira uwundi ibigira bibe?
8 No one controls the wind to hold it back, or the day of death. No one is discharged from that war, and evil won't rescue those who practice it. Nta n’umwe ashobora kugumya impwemu yiwe ngo ntigende, ni co gituma ata n’umwe afise ububasha bwo kwigizayo umusi wo gupfa kwiwe. Muri iyo ntambara nta buryo bwo guhunga, kandi n’ubukozi bw’ikibi ntibushobora gutabara ababukoresha.
9 I saw all this, giving my heart to every deed done under the sun—a time one person ruled another to their harm. Ivyo vyose narabibonye, mu gihe nariko ndiyumvira ku bikorerwa musi y’izuba vyose. Hari igihe umuntu aganza abandi bikamutera amagorwa.
10 Then I saw the wicked buried and laid to rest; they came and went from the holy place and were praised in the city where they had done so. This too is fleeting. Kandi nabonye abanyakibi bahambanwa icubahiro; abahora baja mu Ngoro y’Imana maze bagashimagizwa n’abantu bo mu gisagara bakoreyemwo ibibi. N’ibi na vyo ni ubusa.
11 Because sentence for an evil deed is not carried out quickly, people's hearts are fully set on doing evil. Iyo urubanza rw’icaha rudaciwe vuba, imitima y’abantu yuzura imigabo yo gukora ibibi.
12 Though a sinner does evil one hundred times and still lives long, yet I know it will go well for those who fear God, who fear before him. Naho umunyakibi yokora ibibi ijana kandi akaramba, ndazi neza ko abubaha Imana, bafise ugutinya Imana mu mitima, ivyabo bizogenda neza kurusha.
13 The wicked will not fare well, nor lengthen their days like a shadow, since they do not fear God. Ariko kuko ata kwubaha Imana kw’abanyakibi, nta mahoro kuri bo, kandi imisi yabo izoyonga nk’igitutu.
14 Something fleeting happens on earth: righteous people getting what the wicked deserve, and wicked people getting what the righteous deserve. I said this too is fleeting. Hari n’ikindi kibera kw’isi na co nyene ari ubusa: ni abagororotsi baronka ibihano vyari bikwiye abanyakibi, abanyakibi na bo bakaronka impera yari ikwiye abagororotsi. Ivyo na vyo, ndabivuze, ko ari ubusa.
15 So I praised enjoyment: nothing is better for a person under the sun than eating, drinking, and being glad. This accompanies them through their labor, the days of life God gave them under the sun. Nuko ico nzi ntakekeranya ni uko umuntu akwiye kunezerererwa ubuzima, kuko ata kindi ku muntu ari musi y’izuba kiruta kurya no kunywa no kunezerwa. Maze umunezero uzomuherekeza mu gikorwa ciwe imisi yiwe yose yo kubaho Imana yamuhaye musi y’izuba.
16 When I set my heart to know wisdom and see the work done on earth, though one's eyes see no sleep day or night. Igihe nashira umutima ku kumenya ubwenge no kuraba ubutame bw’umuntu kw’isi, amaso yiwe ntaronke agatiro ku murango no mw’ijoro,
17 Then I saw all God's work: no one can find out the work done under the sun. However hard they search, they won't find it; even if the wise claim to know, they can't find it out. nabonye ivyo Imana yakoze. Nta n’umwe ashobora gutahura ivyo Imana ikorera musi y’izuba. Naho agerageza kubirondera, umuntu ntashobora kumenya insiguro yavyo. Naho umunyabwenge avuga ko abizi, ntashobora kubitahura.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]