Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ecclesiastes 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 A good name is better than fine perfume, and the day of death than the day of birth. Kuvugwa neza bifise agaciro kuruta imibavu imota neza, kandi umusi wo gupfa uruta umusi wo kuvuka.
2 It is better to go to the house of mourning than to go to the house of feasting, for that is the end of everyone, and the living should take it to heart. Kuja mu nzu y’ikigandaro biruta kuja mu nzu y’ibirori, kuko urupfu ari iwabo wa twese; ni vyiza ko abariho babishira ku mutima.
3 Sorrow is better than laughter, for a sad face is good for the heart. Umubabaro uruta ibitwengo, kuko kugira mu maso hijiriwe bihingura umutima.
4 The heart of the wise is in the house of mourning, but the heart of fools is in the house of pleasure. Umutima w’abanyabwenge wiyumvira ivyo mu nzu y’abagandaye, ariko umutima w’ibipfu wiyumvira ivyo mu nzu y’ibirori.
5 It is better to hear the rebuke of the wise than to hear the song of fools. Ni vyiza kwumviriza igikangiro c’umunyabwenge kuruta kwumviriza indirimbo z’ibipfu.
6 For like the crackling of thorns under a pot, so is the laughter of the fool. This too is fleeting. Nk’uko amahwa aturagurikira mu muriro, ni ko n’ugutwenga kw’ibipfu kumera. N’ico na co ni ubusa.
7 Surely oppression turns a wise person into a fool, and a bribe corrupts the heart. Gucinyiza abandi bihindura umunyabwenge igipfu, kandi igiturire conona ingeso nziza.
8 The end of a matter is better than its beginning, and a patient spirit is better than a proud spirit. Iherezo ry’ikintu riruta intango yaco, kandi ukwihangana kuruta ubwibone.
9 Do not be quick in your spirit to become angry, for anger settles in the lap of fools. Ntiwihute kuraka muri wewe, kuko uburake buba mu mitima y’ibipfu.
10 Do not say, "Why were the former days better than these?" For it is not from wisdom that you ask this. Ntukavuge ngo: “Ni kuki imisi ya kera yari myiza kurusha iy’ubu?” Kuko ata bwenge buri mu kubaza ibibazo nk’ivyo.
11 Wisdom is good with an inheritance, an advantage to those who see the sun. Ubwenge, ni nk’iragi, ni ikintu ciza kandi bugirira ikimazi uwubona izuba wese.
12 For wisdom is a shelter, just as money is, but the advantage of knowledge is this: wisdom preserves the life of the one who has it. Ubwenge ni ubwugamo nk’uko amahera ari ubwugamo, ariko inyungu y’ukumenya ni iyi: ni uko ubwenge buzigama ubuzima bw’uwubufise.
13 Consider the work of God: who can straighten what he has made crooked? Raba ivyo Imana yakoze: Ni nde yogorora ico yagoramitse?
14 In the day of prosperity be joyful, and in the day of adversity consider: God has made the one as well as the other, so that no one can find out anything that will come after them. Iyo ibihe ari vyiza, nezerwa; ariko iyo bibaye bibi, menya ibi: Imana ni yo yashizeho ivyo bihe vya mbere nk’uko ari yo yashizeho n’ivyo vya kabiri. Nuko rero, umuntu ntashobora kumenya ikintu na kimwe ca kazoza kiwe.
15 In my fleeting days I've seen it all: a righteous man dying in his righteousness, a wicked man living long in his evil. Muri ubu buzima bw’akanya gato ibi vyompi narabibonye: umugororotsi apfira mu bugororotsi bwiwe, n’umunyakibi arambana ubukozi bw’ikibi bwiwe.
16 Do not be excessively righteous, and do not make yourself overly wise; why should you destroy yourself? Nuko rero ntiwigire intungane birengeje, kandi ntiwigire umunyabwenge arengeje, ni igiki cotuma wiyica?
17 Don't be too wicked, and don't be foolish—why die before your time? Ntiwigire umunyavyaha arengeje, kandi ntiwigire igipfu, ni iki cotuma upfa hataragera?
18 Good to grasp this, and not let go of that too, for whoever fears God comes through both. Ni vyiza ko ukurikira kimwe ariko n’ikindi ntukireke. Uwubaha Imana azokwirinda kurenza urugero.
19 Wisdom makes the wise person stronger than ten rulers who are in a city. Ubwenge butuma umunyabwenge aba umunyabushobozi kurusha abantu cumi baganza mu gisagara.
20 Surely there is no one righteous on earth who does good and never sins. Nta mugororotsi kw’isi akora ibigororotse gusa ntacumure.
21 Also, do not take to heart everything people say, or you may hear your servant cursing you, Nturondere kwumva ivyo abantu bavuga vyose, kuko wohava wumva umukozi wawe akuvuma,
22 for your own heart knows that many times you yourself have cursed others. kuko uzi mu mutima wawe ko nawe ubwawe kenshi wavumye abandi.
23 I tested all this by wisdom. I said, "I am determined to be wise"—but it was beyond me. Ivyo vyose nabigerageresheje ubwenge maze ndavuga nti: “Mpisemwo kuba umunyabwenge.” Ariko ivyo vyari bindengeye.
24 Whatever exists is far off and deep, very deep—who can discover it? Uko ubwenge bwomera kwose, bushika kure, ni nde yobumenya?
25 I turned my heart to know, explore, and seek wisdom and the sum of things, and to know the evil of foolishness and the foolishness that is madness. Maze mpindukiriza umutima wanje ku gutahura, ngo ndondere kandi ntohoze ivyerekeye ubwenge n’iminyuro y’ibintu nongere ntahure ubupfu bw’ikibi n’ubusazi n’ubupfu.
26 I find the woman more bitter than death: her heart is snares and nets, her hands chains. One good before God escapes her; the sinner is caught by her. Nsanga ikirusha urupfu kurura ni umugore yikwegerako abagabo, umutima wiwe umeze nk’umutego amaboko yiwe akamera nk’iminyororo. Umuntu yubaha Imana ni we wenyene azomuva mu maboko, ariko umunyavyaha we ntazomwifatura.
27 "See, this is what I found," says the Teacher, "adding one to another to find the sum, Umusiguzi aravuga ati: “Raba, ibi ni vyo namenye: maze kurabira ibintu mu nzira zose kugira ngo menye.
28 which my soul kept seeking but didn't find. One man in 1,000 I found, but a woman among all these I didn't find. Nkiriko ndarondera ariko ntarabona, nasanze umugabo w’umugororotsi umwe mu gihumbi, ariko nta mugore n’umwe agororotse nabonye muri bo.
29 Look, this alone I found: God made humanity upright, but they sought many schemes." Iki ni co conyene nabonye: Imana yaremye abantu bagororotse, ariko abantu bironderera inzira nyinshi zigoramye.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]