Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ecclesiastes 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 There is an evil I have seen under the sun, and it weighs heavily on humanity: Nabonye ikindi kibi musi y’izuba, kandi kiremereye abantu:
2 A man God gives wealth, riches, and honor, lacking nothing his soul desires—yet God doesn't let him eat from it; a stranger eats it instead. This is fleeting, a miserable sickness. Imana iha umuntu ubutunzi bwinshi, n’icubahiro, kugira ngo ntagire ico akena mu vyo umutima wiwe wipfuza, ariko Imana ntimwemerere kubinezererwamwo, maze kavantara akaba ari we abinezererwamwo. Ivyo ni ubusa, ni ikibi giteye umubabaro.
3 If a man fathers one hundred children and lives many years—however long his life—but his soul isn't satisfied with good things, and he isn't even buried, I say a stillborn child is better off than he is. Umuntu ashobora kugira abana ijana akaramba imyaka myinshi; ariko naho yoramba, adashobora kunezererwa ubutunzi bwiwe kandi ntahambwe neza, ndavuga nti arutwa n’ikivutse gihwereye.
4 It comes in vapor and goes into darkness; darkness covers its name. Kivuka ari ubusa, kikazimirira mu mwiza, izina ryaco rikazimirira mu mwiza.
5 Though it never saw the sun or knew anything, it has more rest than that man. Naho kitigeze kibona izuba canke ngo kimenye ikintu na kimwe, kiraruhuka neza kurusha uwo muntu,
6 Even if he lives 1,000 years twice over without ever enjoying good, don't all go to the same place? naho yoramba imyaka igihumbi incuro zibiri ariko ntanezererwe ubutunzi bwiwe. Mbega bose ntibaja hamwe?
7 All a person's toil is for his mouth, yet his appetite is never satisfied. Igituma umuntu atama ni ukugira ngo aronke ico arya, ariko ntiyigera ahaga.
8 What advantage has the wise over the fool? What does the poor person gain by knowing how to conduct himself before others? None umunyabwenge arusha iki igipfu? Umukene yunguka iki mu kumenya ingene yigenza imbere y’abandi?
9 Better the sight of eyes than desire's wandering. This too is fleeting, a chasing after the wind. Ivyo ijisho ribona biruta ukwipfuza kw’akayabagu. N’ivyo na vyo ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.
10 Whatever exists was already named, and what man is, is known; and he cannot dispute with one stronger than himself. Ikiriho cose caramaze kwitwa izina, kandi ico umuntu ari camenywe kera; nta muntu ashobora guharira n’umuntu amurusha inkomezi.
11 The more words, the more fleeting it all becomes, and how does that profit anyone? Uko umuntu avuga menshi, ni ko avuga ibitagira ikimazi, none ivyo bimarira iki umuntu?
12 For who knows what is good for a person in the few days of their fleeting life, passed like a shadow? For who can tell them what will happen after them under the sun? None ni nde yoshobora kumenya icoba ciza mu buzima bw’umuntu, mu misi yiwe y’ubusa imeze nk’igitutu? Ni nde yomubwira ikizobaho musi y’izuba amaze gupfa?
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]