Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ecclesiastes 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Guard your steps entering the house of God. Draw near to listen, not to offer fools' sacrifice—they don't know they're doing evil. Urinde intambuko zawe niwaja mu nzu y’Imana. Utege amatwi wumvirize kuko ivyo ari vyiza kuruta ugutanga ibimazi kw’ibipfu, kuko ntibimenya ko bikora nabi.
2 Don't rush your mouth, and don't let your heart hurry to speak before God—God is in heaven, you're on earth, so keep your words few. Ntiwihute kuvuga usezerana, ntiwihute mu mutima wawe, ngo wihutire gusezerana imbere y’Imana. Kuko Imana iri mw’ijuru nawe uri kw’isi, nuko rero amajambo yawe abe make.
3 For a dream comes from too much activity, and a fool's voice from too many words. Nk’uko inzozi ziza ku muntu yiganyira cane, ni ko bigenda kw’ijambo ry’igipfu kivuga menshi.
4 When you vow a vow to God, don't delay paying it—he has no delight in fools. Pay what you vow. Niwasezerana isezerano imbere y’Imana, ntutebe kurishitsa. Ntinezerwa n’ibipfu; uze ushitse indahiro yawe.
5 It is better not to vow than to vow and not fulfill it. Ni vyiza kutagira ico usezerana hako usezerana ntushitse ico wasezeranye.
6 Don't let your mouth make you sin, or tell the messenger it was a mistake. Why should God be angry at your voice and destroy your handiwork? Akanwa kawe ntikakujane mu caha. Kandi ntuze wivuguruze imbere y’intumwa yo mu Ngoro ngo: “Narihenze.” Ni kubera iki Imana yokurakira ku vyo wavuze igasambura igikorwa c’intoke zawe?
7 For in many dreams and many words there is fleeting vapor. Therefore fear God. Inzozi nyinshi n’amajambo menshi ni ubusa. Nuko rero tinya Imana.
8 If you see the poor oppressed, and justice and righteousness violated in a province, don't be surprised—one official is watched by a higher one, and higher ones stand over them. Niwabona umukene acinyizwa mu ntara, kandi uguca imanza zibereye n’agateka k’abantu bikibagirwa, ntibize bigutangaze; kuko umutware ashinzwe ijisho n’uwumutwara na we, kandi hejuru yabo bompi hari abandi babatwara, ubutungane bukanyikira hagati y’abafata ingingo.
9 Yet the profit of the land is for everyone; even the king is served by the field. Inyungu zo mu vyimburwa zitwarwa na bose; n’umwami ubwiwe aronka ku bivuye mu mirima.
10 Whoever loves money never has enough; whoever loves wealth never has enough income. This too is fleeting. Inkunzi y’amahera ntiyigera iyahaga; n’uwukunda ubutunzi ntiyigera ahazwa n’ivyo aronka. N’iki na co ni ubusa.
11 As wealth grows, so do those who consume it—what gain for its owner but watching it with his eyes? Ubutunzi nibwagwira, ni ko n’ababurya bazogwira. Kandi nyenebwo yunguka iki muri bwo atari ukunezereza amaso yiwe aburaba?
12 A worker's sleep is sweet, whether he eats little or much; the rich man's abundance won't let him sleep. Agatiro k’umukozi kararyoshe, arya bike canke vyinshi, ariko ibihinda vy’umutunzi ntibimwemerera gusinzira.
13 I have seen a sickening evil under the sun: wealth kept by its owner, to his harm. Nabonye ikibi gikomeye musi y’izuba: Ni umuntu yazigamye itunga, na ryo rikamutera amagorwa,
14 That wealth was lost in a bad venture, and when he fathered a son he had nothing left to leave him. canke agatakaza ubwo butunzi mu rudandazwa rubi, maze umuhungu wiwe ntagire ico asigarana.
15 As he came from his mother's womb, naked he returns, going as he came, taking nothing from his labor to carry in his hand. Umuntu ava mu nda ya nyina yambaye ubusa, kandi uko yaje ni ko agenda. Nta co ajana mu vyo yaruhiye nta co atwara mu ntoke.
16 This too is a bitter evil: just as he came, so he goes. What does he gain from toiling for wind? N’iki na co ni ikibi kirenze urugero: uko umuntu aza, ni ko agenda, none yunguka iki, kuko acumukurira umuyaga?
17 All his days he eats in darkness, with much frustration, sickness, and anger. Arira imisi yiwe yose mu mwiza, no mu mubabaro mwinshi, amarushwa n’uburake.
18 This I have seen: it is good and fitting to eat, drink, and see good in all the labor one labors at under the sun through the few days of life God gives—for that is one's lot. Maze nsanga ari vyiza kandi bibereye ko umuntu arya akanywa, akinezereza mu butame bwiwe bwose agirira musi y’izuba mu misi mike y’ubuzima bwiwe Imana yamuhaye, kuko ari wo mugabane wiwe.
19 Also, when God gives someone wealth, possessions, and power to enjoy them, to accept their portion and find joy in their labor—that is God's gift. Vyongeye, mu gihe Imana ihaye umuntu itunga n’ibintu vyinshi, ikamwemerera kubinezererwamwo, ngo yakire umugabane wiwe yongere anezererwe igikorwa ciwe, iyo ni ingabire y’Imana.
20 He will seldom recall the days of his life, since God keeps him busy with the joy of his heart. Ni gake umuntu yiyumvira ku misi y’ubuzima bwiwe ingene ari mike, igihe Imana yujuje umutima wiwe umunezero.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]