Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ecclesiastes 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Again I looked and saw all the oppression under the sun: the oppressed were in tears, with no one to comfort them; their oppressors held the power, and still no comforter. Narongeye kandi ndaraba mbona agacinyizo kose gakorerwa musi y’izuba: Nabonye amosozi y’abacinyizwa, kandi ata muntu wo kubahoza bafise; ubushobozi bwari bufiswe n’ababacinyiza, kandi nta muntu wo kubahoza bari bafise.
2 So I declared the dead, who had already died, happier than the living, who are still alive. Maze nca ndavuga ko abapfuye, abamaze gupfa, bahiriwe kurusha abazima, kurusha abakiriho.
3 Better than both is the one not yet born, who hasn't seen the evil done under the sun. Ariko uwurusha abo bompi guhirwa ni uwutarabaho, uwutarabona ikibi gikorerwa musi y’izuba.
4 I saw all labor and skill come from one neighbor's envy of another. This too is fleeting, a chasing after wind. Kandi nabonye ko ubutame bw’umuntu bwose n’ivyo ashikako vyose bidudubiza biva mu kwipfuza ivya mugenziwe. N’iki na co ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.
5 The fool folds his hands and ruins himself. Ibipfu bipfunya amaboko yavyo bikaba vyiranduye vyo nyene.
6 Better one handful with tranquility than two handfuls with toil and a chasing after the wind. Kugira igipfunsi kimwe cuzuye itekane, biruta ibipfunsi bibiri birimwo ubutame no kwiruka inyuma y’umuyaga.
7 Again I saw something fleeting under the sun: Nongeye kubona ikintu na co nyene ari ubusa musi y’izuba:
8 A man alone, no companion, no son or brother; his labor has no end, yet his eyes never fill with wealth. "For whom am I working," he asks, "denying myself good?" This too is a breath—a bad task. Ni umuntu nyamwigendako; atagira umuhungu canke umuvukanyi. Ubutame bwiwe ntibwagira iherezo, ariko amaso yiwe ntiyahazwa n’itunga ryiwe. Yaribajije ati: “Ndiko ndaruhira nde, kandi ni kuki nibuza umunezero?” N’ibi na vyo ni ubusa, ni ibikorwa vy’ubutindi!
9 Two are better than one, because they have a good return for their labor: Babiri baruta umwe, kuko baronka inyungu nziza mu gikorwa cabo:
10 If one falls, the other lifts him up. But pity the one who falls alone, with no one to help him up. Umwe atemvye, mugenziwe ashobora kumuvyura. Ariko haragowe umuntu atemba ntagire n’umwe wo kumuvyura!
11 Also, if two lie down together, they will keep warm. But how can one keep warm alone? Vyongeye, iyo babiri baryamanye, barasusuruka. Ariko umwe yosusuruka ate?
12 One alone can be overpowered; two can resist. A cord of three strands is not quickly broken. Ariko nimba umuntu yoshobora kunesha umwe, babiri bashobora kwigwanira. Mbere batatu barushaho kuko ikiziriko c’imigozi itatu ntigicika vyoroshe.
13 Better a poor, wise youth than an old, foolish king who no longer knows to take warning. Wopfuma ubona umukene akiri muto kandi afise ubwenge, hako ubona umwami ashaje kandi w’igipfu atemera impanuro.
14 The youth may have come from prison to reign, or he may have been born poor within that same kingdom. Uwo musore ashobora kuba yavuye mw’ibohero akaba umwami, canke akaba yavukiye mu bukene muri ubwo bwami.
15 I saw all the living who move about under the sun following the youth, the king's successor. Nabonye ko ababa musi y’izuba bakunda kugenda bakurikira uwo musore iyo babona ari hafi kuja ku ngoma.
16 Countless were all the people who came before him. Yet those who came later were not pleased with him. This too is fleeting, a chasing after wind. Aba ari imbere y’abantu benshi, ariko abo mu runganwe ruzokurikira ntibazomunezererwa. N’ibi na vyo ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]