Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ecclesiastes 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Remember your Creator in the days of your youth, before the days of trouble come and the years draw near of which you will say, "I find no pleasure in them," Uze wame wibuka umuremyi wawe mu misi y’ubuto bwawe, imisi mibi itaraza n’imyaka itarashika aho uzovuga uti: “Ntibikinezereza”;
2 before the sun and the light and the moon and the stars grow dark, and the clouds return after the rain; izuba n’umuco n’ukwezi n’inyenyeri bitaracura umwijima, n’ibicu bitaragaruka imvura ihise;
3 on the day when the house's guardians tremble, and the strong men stoop, and the grinding women fall idle because so few remain, and those peering through the windows go dark; aho abarinzi b’inzu bajugumira, abanyenkomezi bakunama, abasyi bagahagarika gusya kuko babaye bake, n’abarungurukira mu madirisha bagahuma;
4 when the doors on the street are shut and the sound of the grinding grows faint; when one rises at the sound of a bird, and all the daughters of song are brought low; aho inzugi ziraba kw’ibarabara zugarwa, ijwi ry’urusyo rigahora; aho abantu bavyuka inyoni zivuze, ariko indirimbo zabo zose zikagenda zigabanuka;
5 when they are afraid of heights, and terrors lie in the road; when the almond tree blossoms, and the grasshopper drags itself along, and desire fails—because man goes to his eternal home, and the mourners go about the streets; aho abantu bazotinya imisozi n’ibiteye ubwoba vyo mu nzira; mu gihe igiti ca alumonde gishurika, igihori kikikwega mu nzira, n’ibirungo ntibibe bikiryoha. Maze umuntu agataha iwabo h’ibihe vyose, abamuririra bakaba benshi mu nzira.
6 before the silver cord is snapped, or the golden bowl is shattered, or the pitcher is broken at the spring, or the wheel is broken at the well, Umwibuke, urunyuzi rw’ifeza ari bwo buzima rutaracika, n’igikombe c’inzahabu kitarameneka; n’umubindi utaramenekera kw’ivomo, umugozi wo gukwega amazi utaracikira kw’iriba,
7 and the dust returns to the earth as it was, and the spirit returns to God who gave it. n’umukungugu ugasubira mw’ivu aho wavuye, impwemu igasubira ku Mana yayitanze.
8 "Utterly fleeting," says the Teacher. "Everything is fleeting." “Ni ubusa! Ni ubusa!” Ni ko umusiguzi avuga. “Vyose ni ubusa!”
9 The Teacher was wise, and also taught people knowledge—weighing, searching, arranging many proverbs. Umusiguzi ntiyari umunyabwenge gusa, ariko kandi yigishije abantu ukumenya. Yaragerageje kurondera maze ashira ku rutonde imigani myinshi.
10 The Teacher sought to find pleasing words, and what he wrote was upright and true. Umusiguzi yarondeye gushiraho amajambo atunganye, kandi ivyo yanditse vyari bigororotse kandi ari ivy’ukuri.
11 Wise sayings are like goads; collected proverbs, like firmly driven nails—given by one Shepherd. Amajambo y’abanyabwenge ameze nk’imambo, imigani yabo na yo ni nk’imisumari itewe neza, itangwa n’Umwungere umwe.
12 Beyond these, my son, be warned: making many books has no end, and much study wears out the body. Mwana wanje, hanurwa wumve ku kintu cose ciyongera kuri yo. Ukwandika ibitabu vyinshi ntibigira iherezo, kandi kwiga cane kuruhisha umubiri.
13 End of the matter, all heard: fear God, keep his commands—this is a person's whole duty. Vyose vyarumviswe; iyi ni yo ndunduro ya vyose: Wubahe Imana witondere amabwirizwa yayo, kuko ari co kibereye ku muntu.
14 For God will bring every deed into judgment, including every hidden thing, whether good or evil. Kuko Imana izoshira mu rubanza igikorwa cose, harimwo n’ibintu bihishijwe vyose, ari bibi canke ari vyiza.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]