Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jonah 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then Jonah prayed to our Father from inside the fish: Nuko Yona asenga Uhoraho Imana yiwe ari mu nda y’urwo rufi.
2 In my distress I called to my Father, and he answered me; from the grave's belly I cried for help, and you heard my voice. Avuga ati: “Natakambiye Uhoraho ndi mu vyago bikomeye, na we aranyishura. Ndi mu kibanza c’abapfuye, naratakamvye ngo untabare, nawe wumvise ijwi ryanje.
3 You hurled me into the deep, into the heart of the seas, and the currents swirled around me; all your breakers and your waves swept over me. Wantereye kure cane mu kuzimu, kure cane mu mutima w’ikiyaga; imikuba ikomeye yaranzungurutse, imipfunda n’ugusuriranya kw’amazi vyawe vyarandengeye.
4 Then I said, 'I have been driven away from your sight; yet I will look again toward your holy temple.' Ndavuga nti: ‘Noneho nkuwe imbere y’amaso yawe. Ariko nzosubira nihweze urusengero rwawe rwera.’
5 The waters closed in over me to the point of death; the deep surrounded me; seaweed was wrapped around my head. Amazi yarandengeye agomba kunyica, i bwina mu mazi haranzunguruka; ivyatsi vyo mu kiyaga binyizingira ku mutwe.
6 I sank down to the roots of the mountains; the earth shut its gates behind me forever. But you brought my life up from the pit, my Father. Naranyitse nshikira intango y’imisozi, aho isi yanyugaraniye ubutakivayo. Ariko wewe, Uhoraho Mana yanje, waduganye ubuzima bwanje ubukuye mu cobo.
7 As my life was ebbing away, I remembered my Father, and my prayer rose to you, to your holy temple. Igihe ubuzima bwanje bwariko burakabirana, nibutse wewe Uhoraho, ugusenga kwanje kuraduga kuragushikira, mu rusengero rwawe rwera.
8 Those who cling to worthless idols walk away from the love that could be theirs. Abashira umutima ku bigirwamana bitagira ikimazi, batera umugongo urukundo Imana ibakunda.
9 But I will sacrifice to you with grateful praise; I will keep every vow I have made. Salvation belongs to our Father! Ariko jewe, nzogushikanira ikimazi nshize hejuru ijwi ryo kugushimira. Kandi nzoshitsa ivyo nasezeranye, kuko agakiza kanje kava k’Uhoraho.”
10 Then our Father spoke to the fish, and it vomited Jonah out onto the dry land. Maze Uhoraho ategeka urwo rufi, na rwo rudahwa Yona ku nkengera y’ikiyaga.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]