Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jonah 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then the word of our Father came to Jonah a second time: Hanyuma Uhoraho yongera kubwira Yona ubugira kabiri, ati:
2 "Get up, go to Nineveh, that great city, and proclaim the message I give you." “Va hasi uje muri ca gisagara kinini Ninewe ukimenyeshe bwa butumwa nakubwira.”
3 So Jonah got up and went to Nineveh, as our Father had said. Nineveh was a huge city—three days to cross. Yona aca yumvira ijambo ry’Imana aja i Ninewe. Ninewe cari igisagara kinini ku buryo vyafata imisi itatu kugira ngo umuntu ashobore kugicamwo cose.
4 Jonah walked one day into the city and cried out, "Forty more days and Nineveh is overturned!" Nuko Yona amara umusi umwe agendagenda muri ico gisagara asemerera n’ijwi rirenga ati: “Hasigaye imisi mirongo ine gusa Ninewe hagahona.”
5 The people of Nineveh believed God. They called a fast and put on sackcloth, from the greatest to the least. Maze abantu b’i Ninewe bizera ubwo butumwa bw’Imana, baca bashinga ko haba ukwisonzesha kandi uhereye ku mukuru ugashika ku muntu mutoya, bambara amagunira.
6 When the news reached Nineveh's king, he rose from his throne, removed his robe, covered himself with sackcloth, and sat in ashes. Ayo majambo ya Yona ashikiriye umwami w’i Ninewe na we aca arahaguruka ava ku ntebe y’ubwami, yambura impuzu z’ubwami, yambara igunira, yongera yicara mu mukungugu.
7 He had this proclaimed in Nineveh, by decree of the king and his nobles: No person or animal, herd or flock, may taste anything; they must not graze or drink water. Aca atanga itegeko i Ninewe rivuga riti: “Itegeko ry’umwami n’abaganwa biwe: Ntihagire abantu canke ibikoko, amasho n’imikuku bigira ico bikoza ku munwa, ntibigire ico birya canke binywa.
8 Let people and animals be covered with sackcloth, and everyone cry out to God with all their strength. Let each turn from his evil way and the violence in his hands. Abantu nibambare amagunira mbere n’ibikoko babiyapfuke, hanyuma abantu batakambire Imana binginga, kandi umuntu wese ave mu nzira z’ibibi, bahagarike n’umuryano uri hagati yabo.
9 Who knows? God may turn and change his mind, turn from his fierce anger, so we're not destroyed. Nta wubizi! Hari n’aho Imana yokwisubirako ikigarura, ikareka ugushangashirwa kwayo, maze ntiduhonye.”
10 When God saw their deeds—that they turned from their evil way—God changed his mind about the disaster he had threatened to bring on them, and did not do it. Imana ibona ibikorwa vyabo, ingene bahindukiye bakava mu nzira zabo mbi, maze irigarura ntiyabahanisha igihano yari yabateguriye.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]