Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jonah 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 But this upset Jonah deeply, and he burned with anger. Ariko Yona we, kwigarura kw’Imana kwamuteye ishavu ryinshi.
2 He prayed to our Father, "Please, O Father, isn't this what I said while still in my own land? That's why I fled toward Tarshish first—I knew you are a gracious, compassionate Father, slow to anger, overflowing with covenant love, one who relents from sending disaster. Ni ko gusenga Uhoraho avuga ati: “None ga Mana ibi si vyo nari navuze igihe nari nkiri mu gihugu c’iwacu? Ni na co cari catumye nihutira guhungira i Tarushishi. Kuko nari nsanzwe nzi ko wewe uri Imana igira ubuntu, ifise ikigongwe cinshi, itihutira gushavura, ifise urukundo rwinshi kandi yigarura ntirungike ivyago.
3 Now, our Father, please take my life from me—death is better for me than life." None rero Uhoraho, nyica, kuko gupfa bindutiye kubaho.”
4 And our Father said, "Is it right for you to be so angry?" Uhoraho aramwishura ati: “Mbega aho ubona vyari bikwiye ko ushavura?”
5 Jonah left the city and sat east of it, made himself a shelter there, and sat under it in the shade, waiting to see what would happen to the city. Nuko Yona ava mu gisagara aragenda yicara mu buseruko bwaco, yiyubakira akazu ko kwikingamwo izuba, yicara mu gitutu cako, maze arindira kuraba ibishikira igisagara.
6 And our Father appointed a plant and made it grow up over Jonah, to shade his head and ease his discomfort. So Jonah was overjoyed because of the plant. Nuko Imana imeza igiterwa c’amababi maninimanini, kirakura kija hejuru y’umutwe wa Yona kimuha agatutu. Ivyo bica bituma Yona yoroherwa maze aranezerwa cane kubera ico giterwa.
7 At dawn the next day, our Father appointed a worm that attacked the plant, and it withered. Ariko bukeye Imana irongera ituma urunyo ruraza rurya ca giterwa gica kirakabirana.
8 When the sun rose, our Father sent a scorching east wind; the sun beat on Jonah's head until he grew faint. He begged to die: "Better for me to die than to live." Izuba rimaze guseruka, Imana ituma umuyaga ushushe uvuye mu buseruko, iryo zuba na ryo rikubita Yona mu mutwe kugeza aho acika intege. Aca asubira kwisabira gupfa ati: “Gupfa vyondutira kubaho.”
9 But our Father asked Jonah, "Is it right for you to be angry about the plant?" He said, "It is right—angry enough to die." Imana yishura Yona iti: “Mbega aho ubona vyari bikwiye ko ushavura ku bw’iki giterwa?” Na we arishura ati: “Birakwiye nyene! Ahubwo ndashavuye gushika n’aho numva nopfuma mpfa.”
10 And our Father said, "You pitied the plant you did not work for or grow, which sprouted in a night and died in a night. Uhoraho aca avuga ati: “Ko ubabajwe n’igiterwa utakoreye canke ngo utume gikura, cakuze mw’ijoro rimwe bukeye kikuma,
11 And should I not pity Nineveh, that great city, in which there are more than 120,000 people who cannot tell their right hand from their left, and many animals as well?" mbega jewe sinari nkwiye kugirira ikigongwe Ninewe, igisagara kinini kibamwo abantu barenga ibihumbi ijana na mirongo ibiri badashobora gutandukanya iciza n’ikibi, hamwe n’ibitungano vyaho vyinshi?”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]