Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Micah 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The word of our Father to Micah of Moresheth in the days of Jotham, Ahaz, and Hezekiah, kings of Judah—what he saw about Samaria and Jerusalem. Iri ni ijambo Uhoraho yatumye kuri Mika w’i Moresheti ku ngoma ya Yotamu n’iya Ahazi hamwe n’iya Hezekiya, abami b’i Buyuda, ngo avuge ivyo yeretswe kuri Samariya na Yerusalemu.
2 Hear, all you peoples; listen, earth, and all that fills it—let the Sovereign Father be a witness against you, the Sovereign Father from his holy temple. Nimwumve, yemwe mahanga, nimwumve mwese; umviriza, ewe wa si we hamwe na mwebwe mwese abayibako, Uhoraho Nyeninganji ariko arabagiriza, Uhoraho avuga ari mu rusengero rwiwe rwera.
3 For look—our Father is coming out from his place; he will come down and tread on the high places of the earth. Raba, Uhoraho ariko araza ava iwe; aramanutse aza kandi agendagenda ku dutwe tw’isi.
4 The mountains will melt beneath him, and the valleys will split apart, like wax before the fire, like waters poured down a steep slope. Imisozi ishongera musi y’ibirenge vyiwe n’ibiyaya birasadaguritse, nk’ishashara ihuye n’umuriro, nk’amazi atemba ahamanuka.
5 All this is because Jacob rebelled and the house of Israel sinned. What is Jacob's rebellion? Isn't it Samaria? And what is Judah's high place? Isn't it Jerusalem? Ivyo vyose ni kubera ukugabitanya kwa Yakobo, kubera ivyaha vy’ab’inzu y’Abisirayeli. Icaha ca Yakobo ni ikihe? Mbega si Samariya? Ikibanza co gusengeramwo ibigirwamana co ku mpinga z’umusozi ca Yuda ni ikihe? Mbega si Yerusalemu?
6 So I will make Samaria a heap of ruins in the open field, a place for planting vineyards. I will pour her stones down into the valley and lay bare her foundations. “Nuko rero nzohindura Samariya habe ikigunguzi c’umusaka, ahantu ho kurima imizabibu. Nzotembagariza amabuye yaho mu mwonga amatanguriro yaho ndayasige agaragara.
7 All her carved images will be shattered, all her wages burned in the fire; all her idols I will lay waste. For from a prostitute's wages she gathered them, and to a prostitute's wages they will return. Ibigirwamana vyaho vyose bizomenagurwa; amashikanwa y’ingoro zaho azotongorwa n’umuriro; nzosambura ibishushanyo vyaho vyose. Kuko vyavuye mu mashikanwa y’ingero z’abamaraya, bizokwongera gukoreshwa kandi nk’ingero z’abamaraya.”
8 Because of this I will lament and wail; I will go stripped and naked. I will howl like jackals and moan like ostriches. Kubera ivyo nzorira mboroge; ngende gusa kandi ata birato nambaye. Nzobweja nk’imbwebwe kandi nzokwabira nk’inyanana.
9 For her wound is incurable; it has come all the way to Judah. It has reached the gate of my people, all the way to Jerusalem. Kuko igikomere ca Samariya kidakira; carandagase gishika n’i Buyuda. Cashitse no kw’irembo ry’abantu banje, mbere n’i Yerusalemu ubwaho.
10 Do not tell it in Gath; do not weep at all. In Beth-le-aphrah roll yourselves in the dust. Ntimubibwire abansi b’i Gati; ntimurire na gatoya. Yemwe bantu b’i Beti-Leyafura, nimwikumbagaze mu mukungugu.
11 Pass on your way, you who live in Shaphir, in nakedness and shame. Those who live in Zaanan do not come out; the wailing of Beth-ezel leaves you with no place to stand. Nimurengane muri ubusa mumaramaye, yemwe ababa i Shafiri. Ababa i Zanani ntibazosohoka. Beti-Ezeli bari mu kigandaro; ntihakigukingira.
12 For those who live in Maroth wait anxiously for good, because disaster has come down from our Father to the gate of Jerusalem. Ababa i Maroti bari mu gatengo, barindiriye ugutezurirwa, kuko ikiza cavuye k’Uhoraho, kigashika no kw’irembo ry’i Yerusalemu.
13 Harness the horses to the chariot, you who live in Lachish. She was the beginning of sin to the daughter of Zion, for in you the rebellions of Israel were found. Yemwe ababa i Lakishi, nimubohere amafarasi anyaruka ku mikogote. Ni mwebwe mwatumye, umukobwa w’i Siyoni acumura kuko ibigabitanyo vya Isirayeli vyabonetse muri wewe.
14 Therefore you will give parting gifts to Moresheth-gath; the houses of Achzib will be a deception to the kings of Israel. Nuko rero muzosezera Moresheti-Gati. Igisagara c’i Akizibu kizoba ivyizigiro vy’uruhendo ku bami ba Isirayeli.
15 Once more I will bring a conqueror against you, you who live in Mareshah; the glory of Israel will come to Adullam. Nzozana uwuzobigarurira yemwe ababa i Maresha. Abanyacubahiro bo muri Isirayeli bazohungira muri Adulamu.
16 Shave your head and cut off your hair for the children you love; make yourself as bald as the eagle, for they will go from you into exile. Nimwimoshe inkomvorera mugandare kuko abana munezerererwa bafashwe; imitwe yanyu imere nk’iy’ikinyamwanira, kuko bazovanwa muri mwebwe bajanwe ari inyagano.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]