Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Micah 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Woe to those who plot wickedness and work out evil upon their beds! At the morning light they carry it out, because they have the power to do it. Baragowe abategura imigambi y’inabi, bakiyumvirira ku buriri bwabo imigambi yo gukora ikibi! Bukeye, bakayishira mu ngiro, kuko babifitiye ubushobozi.
2 They covet fields and seize them, and houses, and carry them off. They oppress a man and his house, a person and his inheritance. Bipfuza amatongo maze bakayiha ku nguvu, n’amazu, bagaca bayanyaga. Banyaga abantu amazu yabo, bakabiba ivyo barazwe.
3 Therefore this is what our Father says: Look, against this family I am devising disaster, from which you cannot pull your necks free; you will not be able to hold your heads high, for it is an evil time. Nuko rero, Uhoraho avuze ati: “Ndiko ndategura ivyago ku bw’aba bantu, ivyo mudashobora kwikiza. Ntimuzosubira kugendana ubwibone, kuko kizoba ari igihe c’amakuba.
4 In that day they will take up a taunt against you and wail with bitter lamentation, saying, "We are utterly ruined! He trades away the portion of my people; how he strips it from me! To the traitor he parcels out our fields." Kuri uwo musi abansi banyu bazobatwenga; bazobaririmbira iyi ndirimbo y’agacurantimba bati: ‘Turaherengeteye; ishamvu y’ubwoko bwanje igabuwemwo ibice. Ehe arayinyatse! Ayihaye abatujanye nk’inyagano.’ ”
5 Therefore you will have no one to cast the measuring line by lot in the assembly of our Father. Nuko rero ntuzoronka n’umwe mw’ikoraniro ry’Uhoraho, wo kugorora umugozi mu gihe co kugabanganya igihugu mu mashamvu.
6 "Do not preach!" they preach. "No one should preach such things; disgrace will not overtake us." Ba kamenyi babo bavuga ngo: “Ntuvugishwe! Ntuvugishwe kuri ivyo; kuko ivyago ntibizodushikako.”
7 Should this be said, house of Jacob? Is the Spirit of our Father impatient? Are these his deeds? Do not my words bring good to the one who walks uprightly? Yemwe abakomoka kuri Yakobo, mbega mwovuga ngo: “Uhoraho vyamunaniye kwihangana? Mbega yokora ikintu nk’ico?” Mbega amajambo yanje ntagirira neza abagenda batunganye?
8 But lately my children have risen up as an enemy. You strip the rich robe from those who pass by unsuspecting, like men returning from war who wanted no fight. Ariko ubu nyene abantu banje barahagurutse bahagurutse kurya kw’umwansi. Mwambura amakoti abantu birenganira ata co binona, mukabateza umubabaro nk’uw’umuntu agarutse avuye ku rugamba.
9 You drive the women of my people out of their pleasant homes; from their little children you take away my splendor forever. Musohora abagore bo mu bantu banje mukabakura mu mazu yabo bakunda. Mukaka umugisha wanje abana babo ibihe vyose.
10 Get up and go, for this is no place of rest; because it is defiled, it brings destruction—a grievous destruction. Haguruka, genda! Kuko ngaha ata buruhukiro bwanyu buriho, kubera yuko hahumanye, harasambutse, ku buryo hatakivurwa.
11 If a man who lives by empty deceit were to lie, "I will preach to you of wine and alcohol," he would be just the preacher for this people! Haje umubeshi kandi w’umusukanyi akababwira ati: “Ngomba mvugishwe ko muzoronka umuvinyu n’inzoga nyinshi,” uwo ni we muvugishwa aba bantu boshima!
12 I will surely gather all of you, Jacob; I will surely bring together the remnant of Israel. I will set them as one, like sheep in a pen, like a flock in the midst of their pasture—a place loud with people. “Umusi umwe yewe Yakobo, nzosubira kubegeraniriza hamwe mwese; ni ukuri nzokwegeranya amasigarira yose y’Abisirayeli. Nzobazana ndabashire hamwe nk’intama mu ruhongore, nk’umukuku uri aho urisha; aha hantu hazosubira kwuzura uruja n’uruza rw’abantu.
13 The one who breaks open the way goes up before them; they break through and pass the gate, going out through it. Their King goes on ahead of them, our Father at their head. Uwubacira icanzo azoduga ari imbere yabo; bazomena irembo ry’abansi basohoke. Umwami wabo azobaja imbere mu gusohoka. Uhoraho ubwiwe ni we azobarongora.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]