Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Micah 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then I said: Listen, leaders of Jacob, rulers of the house of Israel! Isn't knowing justice your duty? Maze ndavuga nti: “Nimwumve yemwe batware bo mu ba Yakobo, yemwe barongozi b’Abisirayeli. Mbega ntimwokwitaho guca imanza zibereye,
2 You who hate good and love evil, who tear the skin from my people and their flesh from their bones; mwebwe mwanka ivyiza mugakunda ibibi; yemwe ababaga abantu banje mukabakurako urusato n’inyama mukazikura ku magufa yabo;
3 who eat the flesh of my people, strip off their skin, and break their bones in pieces; who chop them up like meat for the pot, like flesh inside the cauldron. yemwe abarya inyama z’abantu banje, mubakurako urusato mukavunagura amagufa yabo; mukabahimbagura mubakurako inyama muteka mu tubehe, hamwe n’izo muteka mu nkono.”
4 Then they will cry out to our Father, but he will not answer them; he will hide his face from them at that time, because of the evil they have done. Maze mu nyuma mugatakambira Uhoraho, mutewe n’ivyago ariko ntabishure. Muri ico gihe azobahisha mu nyonga hiwe kubera ibibi mwakoze.
5 This is what our Father says about the prophets who lead my people astray: when they are fed, they cry "Peace," but declare war on anyone who puts nothing in their mouths. Uku ni ko Uhoraho avuze: “Nk’uko biri kuri ba kamenyi bazimiza abantu banje, bavuga ‘amahoro’ iyo bafise ico barya, ariko bagategura intambara yo kugwanya umuntu wese yanse kubaha ivyo barya.
6 Therefore night will come over you, without vision; darkness for you, without divination. The sun will set on the prophets, and the day will go dark over them. Ni co gituma ijoro rizobazako, ntihagire ico mwerekwa, n’umwijima, ntimugire ico muragura. Izuba rizocokerera kuri abo bavugishwa, kandi buzobirirako.
7 The seers will be ashamed and the diviners disgraced; they will all cover their mouths in shame, for there is no answer from our Father. Ba kamenyi bazomaramara n’abaragura bazoteterwa. Bose bazokwitwikira mu maso, kuko ata kwishurwa kuvuye ku Mana.”
8 But as for me, I am filled with power—with the Spirit of our Father—and with justice and might, to declare to Jacob his rebellion and to Israel his sin. Ariko jeho, nuzuye inkomezi, nuzuye Mpwemu w’Uhoraho, nuzuye uguca imanza zibereye n’ubuhizi, ngo menyeshe aba Yakobo ibigabitanyo vyabo, n’Abisirayeli icaha cabo.
9 Hear this, you leaders of the house of Jacob and rulers of the house of Israel, who despise justice and pervert everything that is right, Nimwumve, yemwe batware bo mu ba Yakobo, yemwe abaganza abandi bo mu Bisirayeli, mwanka imanza zibereye, ivy’ukuri mukabinyikiza.
10 who build Zion with bloodshed and Jerusalem with wrongdoing. Siyoni muhubakisha gusesa amaraso, Yerusalemu mukahubakisha gukora ibibi.
11 Her leaders judge for a bribe, her priests teach for a price, and her prophets divine for silver; yet they lean on our Father and say, "Is not our Father among us? No disaster can come upon us." Abatware baho baca imanza bariye ibiturire, abaherezi baho bigishiriza kuronka inyungu, kandi abavugishwa baho baragurira kuronka amahera. Ariko bakarondera Uhoraho ngo abashigikire bavuga bati: “Mbega Uhoraho ntari muri twebwe? Nta cago kizodushikako.”
12 Therefore because of you Zion will be plowed like a field, Jerusalem will become a heap of ruins, and the temple mount a forested hilltop. Ni co gituma kubera mwebwe, Siyoni hazorimwa hamere nk’umurima, Yerusalemu hazoba ikigunguzi c’isakamburira, umusozi wubatsweko Ingoro na wo uzomerako ibisaka.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]