Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 56 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 This is what our Father says: Keep justice and do what is right, for my salvation is coming soon, and my righteousness is about to be revealed. Uku ni ko Uhoraho avuze: “Nimuce iziroranye, kandi mukore ibibereye, kuko agakiza kanje kari hafi cane, kandi ukugororoka kwanje kukaba kugira guhishurwe vuba.
2 Blessed is the one who does this, the person who holds firmly to it: who keeps the Sabbath without profaning it, and keeps from doing any evil. Hahiriwe uwukora ivyo, uwo muntu abifashe nkama, yubahiriza Isabato ntayihumanye, akarinda amaboko yiwe ntakore ikibi na kimwe.”
3 Let not the foreigner who has joined himself to our Father say, "Our Father will surely separate me from his people"; and let not the eunuch say, "I am only a dry tree." Umunyamahanga yifatanije n’Uhoraho, ashobora kuvuga ati: “Uhoraho azonca mu bantu biwe.” Kandi n’inkone ishobora kuvuga iti: “Jeho ndi igiti cumye.”
4 For this is what our Father says: "To the eunuchs who keep my Sabbaths, who choose what pleases me and hold fast to my covenant, Uku ni ko Uhoraho avuze: “Inkone zubahiriza Isabato, zigahitamwo gukora ibimpimbara, zikazigama isezerano,
5 to them I will give within my house and within my walls a memorial and a name better than sons and daughters; I will give them an everlasting name that will not be cut off. nzoziha igihome c’icibutso mu nzu yanje, icibutso hamwe n’izina risumba iry’abahungu n’abakobwa; nzoziha izina rizohoraho, rizokwamaho ibihe bidashira.
6 And the foreigners who join themselves to our Father, to minister to him, to love the name of our Father, and to be his servants—everyone who keeps the Sabbath without profaning it and holds fast to my covenant, Abanyamahanga bifatanya n’Uhoraho kugira ngo bamukorere, bakunde izina ry’Uhoraho babe abakozi biwe, hamwe n’abo bose bubahiriza Isabato ntibayihumanye, bakagumya isezerano ryanje,
7 these I will lead up to my holy mountain, and give them joy in my house of prayer; their sacrifices and burnt offerings will be welcome on my altar, since my house will be named a house of prayer for all peoples. nzobazana ku musozi wanje wera, ndabahere umunezero mu nzu yanje yo gusengeramwo. Amashikanwa y’ibiturirwa bikamota neza hamwe n’ibimazi vyabo bizokwakirwa ku gicaniro canje; kuko Ingoro yanje izokwitwa inzu isengerwamwo n’amahanga yose.”
8 This is the declaration of the Sovereign Father, who gathers the outcasts of Israel: I will gather still others to them, besides those already gathered." Uhoraho Nyeninganji, we yegeranije Abisirayeli abakuye mu kinyago, avuze ati: “Nzokwegeranya n’abandi, ndabashire hamwe n’abamaze kwegeranywa.”
9 All you beasts of the field, come to devour—all you beasts in the forest. Nimuze, yemwe nyamaswa zo mu gahinga mwese, nimuze mutabagure namwe bikoko vyo mw’ishamba!
10 Israel's watchmen are blind, all of them; they know nothing. They are all silent dogs that cannot bark, dreaming, lying down, loving to sleep. Abateramyi ba Isirayeli ni impumyi, bose ni imburabwenge; ni imbwa z’ibiragi, zidashobora gukuga; bararyama bakarota, bakunda gusinzira!
11 The dogs have a fierce appetite; they never have enough. They are shepherds with no understanding; they have all turned to their own way, each to his own gain, every one of them. Ni imbwa zitigera zihaga, zitigera zironka ibikwiye. Ni abungere batagira ubwenge, bazimirira mu nzira zabo, umwe wese akironderera inyungu ziwe.
12 "Come," they say, "let me fetch wine; let us drink our fill of strong drink. And tomorrow will be like today, great beyond all measure." Umwe wese aravuga ati: “Nimuze, hinge nzane umuvinyu! Reka tunywe iziboreza kugeza tuborewe! Kandi ejo bizoba bimeze nk’uno musi, canke mbere binarushirize kuba vyiza.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]