Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 57 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The righteous one perishes, and no one takes it to heart; faithful men are taken away, and no one understands that the righteous are spared from the evil to come. Abagororotsi bariko barahona, ariko nta n’umwe abishizeko umutima. Intungane ziriko zirakurwaho, ariko nta n’umwe atahura ko abagororotsi bakuweho kugira ngo barindwe ivyago biri imbere.
2 He enters into peace; they rest on their beds—everyone who walks in integrity. Abagendera mu kugororoka bashikira mu mahoro, bararuhuka basinziriye itiro ry’urupfu.
3 But you—come here, you children of a sorceress, you offspring of an adulterer and a prostitute! “Ariko mweho nimwigire hano, mwa bana b’umupfumukazi, namwe ruvyaro rw’umusambanyi n’umumaraya!
4 Who are you mocking? Against whom do you open wide your mouth and stick out your tongue? Are you not children of rebellion, offspring of falsehood, Mbega uwo mucokora ni nde? Ni nde muha ibinoko, mukamwereka ururimi? Mbega ntimuri abana b’abagarariji, uruvyaro rw’ababeshi?
5 you who burn with lust among the oaks, under every green tree, who slaughter your children in the valleys, under the clefts of the rocks? Muganzwa n’ivyipfuzo vy’ubusambanyi muri musi y’ibiti binini no musi y’igiti cose gitotahaye, abana banyu mukabatangako ibimazi mu myonga no mu migaga y’ibitandara.
6 Among the smooth stones of the valley is your portion; yes, they are your lot. To them you have poured out a drink offering, you have brought a grain offering. Should I be satisfied with all this? Mu mabuye asenye yo mu myonga ni ho hari umugabane wanyu, kandi ni vyo ragi ryanyu. Ni yo mwashikaniye amashikanwa yanyu y’ibinyobwa, muyashikanira n’amashikanwa y’ifu. Mbega ivyo nobinezerererwa?
7 On a high and lofty mountain you have set your bed; there too you went up to offer sacrifice. Wasambaniye ku mpinga z’imisozi mu kuhasengera ibigirwamana; ni ho wagiye urashikanira ibimazi.
8 Behind the door and the doorpost you have set up your symbol. Deserting me, you uncovered your bed; you went up to it and made it wide. You made a covenant with them; you loved their bed, you gazed on their nakedness. Inyuma y’inzugi n’ibishimaryango vyawe wahashize ibimenyetso vy’ingene uri umunyavyaha. Mu kunta, wapfukuye uburiri bwawe, urabwurira urabugaranzura, ugirana isezerano n’abo wikundiye, urabana ukwipfuza imibiri yabo iri gusa.
9 You journeyed to the king with oil and heaped up your perfumes; you sent your envoys far away, and sent them down even to the realm of the dead. Wagiye kuraba Moleki wisize amavuta ya elayo, wisize n’ibimota cane iyo bituriwe. Utuma intumwa zawe kure cane, gushika n’aho zishika i kuzimu.
10 You were wearied by the length of your way, yet you did not say, "It is hopeless." You found renewed strength, and so you did not grow faint. Wagenze urugendo rurerure, urananirwa, ariko ntiwikebuka ngo uvuge uti: ‘Nta kizovamwo.’ Ariko kuko ukwipfuza kwawe kwari gukomeye, wakomeje urugendo, ntiwacitse intege.
11 Whom did you so dread and fear that you lied, and did not remember me, and gave it no thought? Have I not been silent for so long that you no longer fear me? Mbega uwo mwatinya akabatera ubwoba ni nde, bigatuma mumbesha, mukanyibagira, ntimunanyiyumvireko mu mitima yanyu? Mbega si kubera namaze igihe kinini nihoreye, vyatumye mutanyubaha?
12 I will expose your righteousness and your deeds, but they will not profit you. Nzoshira ahabona ivyo wita ukugororoka kwawe n’ibikorwa vyawe, ariko nta co bizokumarira.
13 When you cry out, let your collection of idols deliver you! The wind will carry them all off, a breath will take them away. But whoever takes refuge in me will possess the land and inherit my holy mountain. Niwasemerera ushaka gutabarwa, ibigirwamana wegeranije birazogutabara! Igihuhusi kizobitwara, n’umuyaga usanzwe uzobikuraho. Ariko uwungira ubuhungiro bwiwe azoragwa igihugu, ahabwe umusozi wanje wera.”
14 And it will be said: "Build up, build up, prepare the way! Remove every obstacle from my people's path." Kandi bizovugwa ngo: “Nimuharure, nimuharure, mutunganye inzira y’Uhoraho! Mukure mu nzira ivyotsitaza abantu banje vyose.”
15 For this is what the high and exalted One says—our Father, who lives forever, whose name is Holy: "I dwell in the high and holy place, and also with the one who is contrite and lowly in spirit, to revive the spirit of the lowly and to revive the heart of the contrite. Kuko uwushizwe hejuru cane, aravuze uwuhoraho ibihe vyose, akitwa uwera: avuze ati: “Mba hejuru, kandi hera, ariko kandi mbana n’uwufise umutima umenetse, yicishije bugufi, kugira ngo mpembure imitima iciye bugufi, n’imitima imenetse.
16 For I will not keep fighting forever, nor will I always be angry; for then the spirit would grow faint before me—the very breath of life that I made. Sinzokwama ntongana ibihe vyose, kandi sinzokwama ndatse, ahandi ho imitima n’impwemu vy’umuntu naremye vyohonera rimwe imbere yanje.
17 Because of his sinful greed I was angry; I struck him, I hid my face, and I was angry—yet he kept turning away, following the path of his own heart. Icaha ciwe ni co candakije, maze ndamuhana, nyegeza mu nyonga hanje kubera ndatse, ariko yigumira mu vyo yigombeye.
18 I have seen his ways, but I will heal him; I will lead him and restore comfort to him and to those who mourn for him, Narabonye ingeso ziwe, ariko nzomukiza; nzobarongora, nongere ndemeshe Abisirayeli bagandaye,
19 bringing praise to their lips. Peace, peace to the far and to the near," says our Father, "and I will heal them." ndeme ishimwe mu kanwa kabo. Amahoro, amahoro, ku bari hafi no ku bari kure,” ni ko Uhoraho avuze. “Kandi nzobakiza.”
20 But the wicked are like the tossing sea, which cannot be still, whose waters churn up mire and mud. Ariko abanyakibi bameze nk’ikiyaga gisuriranya, kidashobora gutekana, imipfunda yaco ikazikurura isuri n’ivyondo.
21 "There is no peace," says our Father, "for the wicked." “Nta mahoro ku munyakibi,” ni ko Imana yanje ivuze.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]