Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 58 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Shout aloud, do not hold back; raise your voice like a trumpet. Declare to my people their rebellion, to the house of Jacob their sins. “Semerera cane, ugumizeko. Duza ijwi ryawe nk’inzamba. Ubwire abantu banje ivy’ubugarariji bwabo, n’abakomoka kuri Yakobo ubabwire ivy’ivyaha vyabo.
2 "Yet day after day they seek me and delight to know my ways, like a nation that does what is right and has not forsaken the justice of their Father. They ask me for righteous judgments; they delight to draw near to our Father. Kuko uko bukeye uko bwije barandondera, basa n’abafise inyota yo kumenya inzira zanje, bakaboneka nk’ihanga rikora ibigororotse, ritataye ivyagezwe vy’Imana yaryo. Bansaba gukora ivyo bategerezwa gukora bonyene ubwabo, bakiyerekana nk’abashaka ko Imana ibegera.
3 Why have we fasted, and you have not seen it? Why have we humbled ourselves, and you take no notice?' Look—on the day of your fast you pursue your own desire, and you drive all your workers hard. Barabaza bati: ‘Ni kuki twisonzesha, ariko ntubibone? Ni kuki twicishije bugufi ariko ukavyirengagiza?’ Ariko ku musi mwisonzesheje mukora ibibahimbara gusa, mugakoresha nabi abakozi banyu bose.
4 "Look—you fast only to quarrel and to fight and to strike with a wicked fist. You cannot fast as you do today and expect your voice to be heard in heaven. Ukwisonzesha kwanyu guherera mu mitongano no mu matati, mu kugwana mukubitana ingumu. Ntimushobora kwisonzesha uko mubigira uwu musi, ngo mwitege ko ijwi ryanyu ryumvikana mw’ijuru.
5 Is this the kind of fast I choose, a day for a person to humble himself? Is it only to bow the head like a reed, and to spread coarse cloth and ashes beneath him? Is this what you call a fast, a day pleasing to your Father? Mbega ukwo ni kwo kwisonzesha nahisemwo, umusi abantu bicisha bugufi? Umusi umuntu yunamika umutwe kurya kw’irenga rigondwa n’umuyaga, akaryama ku magunira yisize iminyota? Ivyo ni vyo mwita kwisonzesha, umusi wemewe n’Uhoraho?
6 "Is not this the fast I choose: to loosen the chains of wickedness, to untie the cords of the yoke, to set the oppressed free, and to break every yoke? Mbega uku si kwo kwisonzesha nahisemwo: gucagagura ingoyi z’akarenganyo, mugapfundurura imigozi iboheye imitwaro ku bantu, abacinyijwe bakidegemvya mukavunagura ingogo zose?
7 Is it not to share your bread with the hungry, and to bring the homeless poor into your house; when you see the naked, to clothe him, and not to hide yourself from your own flesh and blood? Mbega si ugusangira ivyokurya vyawe n’abashonje, no guha abakene aho baba, mubonye uwugenda gusa mukamwambika, ntimwirengagiza mwenewanyu?
8 "Then your light will break forth like the dawn, and your healing will spring up quickly; your righteousness will go before you, and my glory will be your rear guard." Aho ni ho umuco wanyu womurika nk’umutwenzi, n’ugukira kwanyu kukihuta kugaragara. Maze ukugororoka kwanyu kuzobitangira imbere, kandi ubwiza bw’Uhoraho buzoba igihome kibakingira.
9 Then you will call, and I will answer; you will cry for help, and I will say, 'Here I am.' If you remove the yoke from among you, the pointing finger and malicious talk, Ni ho muzohamagara Uhoraho, na we akabishura; muzomutabaza, na we azobishura ati: ‘Ndi hano.’ Nimwakura imitwaro ku bacinyijwe, mukareka gutungana intoke no kubwirana nabi,
10 "if you pour yourself out for the hungry and satisfy the desire of the afflicted, then your light will rise in the darkness, and your night will become like noonday. mukitanga kugira ngo mushobore kugaburira abashonje, mugahaza abakene n’abahahajwe, ico gihe umuco wanyu uzokayangana mu mwijima, kandi ijoro ryanyu rizohinduka rimere nk’umutaga.
11 I will guide you continually, and satisfy you in scorched places; I will strengthen your bones. You will be like a watered garden, like a spring of water whose waters never fail. Uhoraho azokwama akurongora, aguhere ivyo ukeneye mu gihugu kigatuwe n’uruzuba, azokomeza ubugingo bwawe. Uzomera nk’itongo rivomerewe neza, umere nk’iriba ritigera rikama.
12 Your people will rebuild the ancient ruins; you will raise up the age-old foundations. You will be called Repairer of the Breach, Restorer of Streets to Live In. Abantu bawe bazosanura ivyasambutse kera, baduze amatanguriro yashizweho n’aba kera cane; uzokwitwa uwusanasana ibirengero vy’inzitiro, uwusibura amayira n’amazu yo kubamwo.
13 "If you keep your foot from breaking the Sabbath, from pursuing your own desire on my holy day; if you call the Sabbath a delight and honor my holy day; if you honor it by not going your own way, not pursuing your own desire or speaking idle words, Nimutahumanya Isabato, mukareka gukora ivyo mwigombeye ku musi wanje wera, mukayita umusi Uhoraho anezerererwa, wera kandi ukwiye kwubahwa, mukawubahisha kutigira mu ngeso zanyu no mu kudakurikira ivyo imitima yanyu yipfuza n’amajambo y’imburakimazi,
14 then you will find your delight in me, and I will make you ride on the heights of the land and feed you with the heritage of your father Jacob—for the mouth of your Father has spoken." muzonezerererwa Uhoraho, nanje nzobashira hejuru muri iki gihugu, ndabahe gutorana umugabane wa Yakobo.” Akanwa k’Uhoraho ni ko kabivuze.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]