Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 59 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Look, our Father's hand is not too short to save, nor his ear too dull to hear. Ehe, ukuboko kw’Uhoraho ntikwabaye kugufi ngo kunanirwe kubakiza, kandi n’amatwi yiwe ntazivye ku buryo adashobora kubumva.
2 But your wrongs have separated you from your Father, and your sins have hidden his face from you, so that he does not hear. Ibigabitanyo vyanyu ni vyo vyabatandukanije, n’Imana yanyu, ivyaha vyanyu ni vyo vyatumye abahisha mu nyonga hiwe, kugira ngo ntabumve.
3 For your hands are defiled with blood, and your fingers with sin; your lips have spoken lies, your tongue mutters wickedness. Kuko ibiganza vyanyu vyuzuyeko amaraso, intoke zanyu zandujwe n’ivyaha. Iminwa yanyu yuzuye ububeshi, ururimi rwanyu rukavuga ibibi gusa.
4 No one calls for justice, and no one pleads with honesty. They trust in emptiness and speak lies; they conceive trouble and give birth to evil. Nta n’umwe arondera ubutungane, kandi nta n’uwuvugisha ukuri mu kuburana. Ivyo bashikiriza ni amajambo gusa, bavuga ibinyoma, batwara inda y’ibikorwa bibi bakavyara icaha.
5 They hatch the eggs of vipers and weave the spider's web; whoever eats their eggs dies, and when one is crushed, a viper breaks out. Babundikira amagi y’imvuvyi, bakajisha nk’ibitangurirwa. Uwuriye amagi yabo wese arapfa kandi iyo igi rimwe rimenetse, havamwo inzoka
6 Their webs cannot become clothing, and they cannot cover themselves with what they make. Their works are works of wrongdoing, and their hands are full of violence. Ivyo bajisha nta mpuzu zishobora kuvamwo, ntibashobora kwipfuka ivyo bijishiye. Ibikorwa vyabo ni ivy’ukugabitanya, kandi amaboko yabo akora ivy’umuryano.
7 Their feet run to evil, and they hurry to shed innocent blood. Their thoughts are thoughts of wrongdoing; ruin and destruction lie along their every road. Ibirenge vyabo vyirukira gukora ivyaha, barihuta gusesa amaraso y’abantu ata co bazira. Ivyiyumviro vyabo bihengamiye ku bibi; ibikorwa vy’umuryano ni vyo birangwa aho baciye.
8 The way of peace they do not know, and there is no justice in their ways. They have made their paths crooked; no one who walks in them knows peace. Ntibazi inzira z’amahoro; nta butungane buba mu nzira bacamwo. Inzira zabo barazigoramika; abazicamwo ntibigera bagira amahoro.
9 Therefore justice is far from us, and righteousness does not reach us. We wait for light, but there is only darkness; for brightness, but we walk in gloom. Ni co gituma ubutungane buri kure yacu, ukugororoka ntigushika aho turi. Turondera umuco, ariko ico turonka ni umwijima; tukarondera ugukayangana, ariko tukagendera mu gitutu c’umwijima.
10 We grope along the wall like the blind; like those without eyes we grope. We stumble at noon as if in twilight; among the strong we are like the dead. Dukabakaba impome nk’impumyi, tukarondera inzira nk’abatagira amaso. Dutsitara ku murango nk’aho bwamaze kwira, mu bakomeye tumeze nk’abapfuye.
11 We all growl like bears and moan mournfully like doves. We wait for justice, but there is none; for salvation, but it stays far from us. Twese twivuga nk’idubu, ariko tukaniha nk’inuma ziguguza. Turondera ubutungane ariko tukabubura, twarondera ukubohoka, kukaba kure yacu.
12 For our rebellions are many before you, and our sins testify against us. Our rebellions are with us, and our wrongdoing we know: Kuko ibicumuro vyacu vyabaye vyinshi mu nyonga zawe, kandi ivyaha vyacu bikaba biturega kuri wewe. Ibicumuro vyacu bitwomyeko, kandi ibigabitanyo vyacu turavyemeye:
13 rebelling and denying our Father, turning back from following our Father, speaking oppression and revolt, conceiving and muttering lying words from the heart. gucumura no kwihakana Uhoraho, gutera umugongo Imana yacu, kuvuga ivy’agahahazo n’imigumuko, kuvuga ibinyoma imitima yacu yigeneye.
14 So justice is driven back, and righteousness stands far off; for truth has stumbled in the public square, and integrity cannot enter. Ni co gituma ubutungane bwasubiye inyuma, ukugororoka kugahagarara kure cane; ukuri kukaba kwaratsitaye mu nzira, ukuba inyankamugayo ntibikunde kwinjira.
15 Truth is missing, and whoever turns from evil is plundered. Our Father saw it and was displeased that there was no justice. Ukuri nta na hamwe kuboneka, kandi uwugwanya ikibi ahigwa bwa gikoko. Uhoraho yaravyihweje biramubabaza, abonye ko ata butungane bukihari.
16 He saw that there was no one, and was appalled that no one would intervene; so his own arm brought salvation, and his righteousness upheld him. Yararavye abona nta n’umwe, atangazwa n’uko ata n’umwe wo gutabara. Ni co catumye ukuboko kwiwe kubazanira agakiza, ukugororoka kwiwe kukaba ari kwo kubashigikira.
17 He put on righteousness like a breastplate, and a helmet of salvation on his head; he clothed himself in garments of vindication and wrapped himself in zeal like a cloak. Yambaye ukugororoka nk’icuma gikingira igikiriza, yambara n’inkofero y’agakiza ku mutwe wiwe. Yambara impuzu z’uguhora, yambara n’ishaka nk’umutamana.
18 According to their deeds, so he will repay: wrath to his adversaries, repayment to his enemies; to the distant coastlands he will give them what they deserve. Akurikije ivyo bakoze, azobishura ibikwiranye uburake ku bansi biwe, n’impera ikwiye abamugwanya n’amazinga azoyishura ibikwiranye n’ivyo yakoze.
19 So they will fear the name of our Father from the west, and his glory from the rising of the sun; for he will come like a rushing river, driven by the wind of our Father. Uhereye mu burengero, abantu bazokwubaha izina ry’Uhoraho, guhera mu buseruko bazohindira agashitsi icubahiro ciwe. Kuko azoza nk’umwuzure uhushwe n’uguhumeka kw’Uhoraho.
20 Then the Redeemer will come to Zion, to those in Jacob who turn from their sins, declares our Father. “Umucunguzi azoza i Siyoni, gucungura aba Yakobo bihanye ivyaha vyabo,” ni ko Uhoraho avuze.
21 "As for me, this is my covenant with them," says our Father: "My Spirit who is upon you, and my words that I have put in your mouth, will not depart from your mouth, or from the mouth of your children, or from the mouth of your children's children," says our Father, "from now on and forever." Uhoraho aravuze ati: “Nanje iri ni ryo sezerano ngiranye na bo: Mpwemu wanje ntazova kuri mwebwe, kandi n’amajambo yanje nashize mu kanwa kanyu ntazohava, eka ntazova no mu kanwa k’abana banyu, canke mu kanwa k’uruvyaro rwabo, uhereye ubu ugashitsa ibihe vyose,” ni ko Uhoraho avuze.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]