Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 60 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Arise, shine, for your light has come, and the glory of our Father has risen upon you. “Haguruka ukayangane, kuko umuco wawe washitse, kandi n’ubwiza bw’Uhoraho bukaba buri kuri wewe.
2 For darkness will cover the earth, and thick darkness the peoples; but our Father will rise upon you, and his glory will be seen upon you. Ehe raba, umwijima utwikiriye isi, umwijima w’umuzitanya utwikiriye amahanga, ariko Uhoraho ahagurutse ku bwawe, kandi umuco wiwe uragukayanganiye.
3 Nations will come to your light, and kings to the brightness of your dawning. Amahanga azoza akurikirana umuco wawe, abami bazoza kuraba ugukayangana kwawe.
4 Lift up your eyes all around and see: they all gather together, they come to you; your sons come from far away, and your daughters are carried on the hip. Unamura amaso yawe urabe hirya no hino: bose barakoranye baje aho uri, abahungu bawe baje bava kure, abakobwa bawe na bo baje bateruwe mu maboko.
5 Then you will see and be radiant; your heart will throb and swell, because the abundance of the sea will turn toward you, the wealth of the nations will come to you. Mu maso hawe hazokayangana, umutima wawe na wo udidagizwe kubera umunezero; ibidandazwa vyo ku kiyaga bizozanwa kuri wewe, ubutunzi bw’amahanga yose buzozanwa iwawe.
6 A multitude of camels will cover you, the young camels of Midian and Ephah; all those from Sheba will come, bearing gold and frankincense, and they will proclaim the praises of our Father. Ingamiya zizokwuzura igihugu cawe, inyana zazo zizozanwa zivuye i Midiyani no muri Efa. Ab’i Sheba bazoza, bazanye inzahabu n’ibiturirwa bikamota neza, baze bavuga amatazirano y’Uhoraho.
7 All the flocks of Kedar will be gathered to you, the rams of Nebaioth will minister to you; they will be offered on my altar and accepted, and I will glorify my glorious house. Ibitungwa vy’i Kedari bizokwegeranirizwa iwawe; intama z’i Nebayoti zizanwe ku gicaniro cawe; zizokwemerwa nk’ibimazi, nanje nzokwuzuza ubwiza Ingoro yanje.
8 Who are these that fly like a cloud, and like doves to their windows? Mbega abo mbona baguruka nk’ibicu ni ba nde, bameze nk’inuma zitashe mu vyari vyazo?
9 Surely the coastlands wait for me, the ships of Tarshish first, to bring your sons from far away, with their silver and gold, for the name of your Father, the Holy One of Israel, because he has glorified you. Ni ukuri amazinga ni jewe yipfuza; n’amato y’i Tarushishi arafashe inzira, azanye abana bawe, bavuye kure, bazanye inzahabu n’ifeza zabo, gusenga Uhoraho Imana yawe, Uwera wa Isirayeli, kuko yakwambitse ugukayangana.
10 Foreigners will build up your walls, and their kings will serve you; for in my wrath I struck you, but in my favor my heart was moved with compassion for you. Abanyamahanga bazosanura inzitiro zawe, abami bayo na bo bagukorere. Naho nagukubise kubera uburake, mu buntu bwanje nkugiriye impuhwe.
11 Your gates will stand open continually; day and night they will not be shut, so that the wealth of the nations may be brought to you, with their kings led in procession. Amarembo yawe azokwama yuguruye, ntazokwigera akingwa, haba ku murango, haba mw’ijoro, kugira ngo abantu bazokwame bazana ubutunzi bw’ayandi mahanga, abami bayo bazanwe bashorewe mu birori.
12 For the nation and kingdom that will not serve you will perish; those nations will be utterly laid waste. Kuko ihanga canke ubwami butazogukorera buzotikizwa, buzosenyurwa burangire.
13 The glory of Lebanon will come to you—the cypress, the plane, and the pine together—to beautify the place of my sanctuary; and I will glorify the place of my feet. Ubwiza bw’i Libani buzoza kuri wewe, ibiti vy’amasederi, imitidari n’amapinusi vyose hamwe bizoza gushariza Ingoro yanje; nanje nzokwubahisha aho nshira ibirenge vyanje.
14 The children of those who oppressed you will come bowing before you; all who despised you will bow down at your feet. They will call you the City of our Father, the Zion of the Holy One of Israel. Abana b’abagutwaza umukazo bazoza bakwunamire, abakugaya bazoza bikubite imbere y’ibirenge vyawe, bakwite Igisagara c’Uhoraho, Siyoni h’Uwera wa Isirayeli.
15 Though you have been forsaken and hated, with no one passing through, I will make you an everlasting pride, a joy from generation to generation. Naho wari waratawe, ukankwa, ata wukugendera, nzoguha ubwiza butazokwigera buvaho, nkugire umunezero w’urunganwe rwose.
16 You will drink the milk of nations, and nurse at the breast of kings; and you will know that I, your Father, am your Savior and your Redeemer, the Mighty One of Jacob—your Father. Uzonywa amata y’amahanga, wonke amabere y’ubwami. Ni ho uzomenya ko jewe Uhoraho, ndi Umukiza wawe, Umucunguzi wawe, Umunyenkomezi wa Yakobo.
17 Instead of bronze I will bring gold, instead of iron I will bring silver, instead of wood, bronze, and instead of stones, iron. I will make peace your governor and righteousness your taskmaster. Mu gishingo c’umwakaka nzokuzanira inzahabu, nkuzanire ifeza mu gishingo c’ivyuma. Mu gishingo c’imbaho nzokuzanira imyakaka, nkuzanire n’ivyuma mu gishingo c’amabuye. Abategetsi bawe bazoba abanyamahoro, co kimwe n’abatware bawe.
18 Violence will no longer be heard in your land, nor ruin and destruction within your borders; but you will call your walls Salvation and your gates Praise. Nta muryano uzosubira kwumvikana mu gihugu cawe, nta gusenyura n’ugutikiza bizovugwa aho imbibe zawe zigera, ariko inzitiro zawe uzozita Gakiza, amarembo yawe na yo uyite Mashimwe.
19 The sun will no longer be your light by day, nor will the moon give you its light; but our Father will be your everlasting light, and your Father your glory. Ku murango ntuzoba ukibonesherezwa n’izuba, kandi ugukayangana kw’ukwezi si kwo kuzokumurikira mw’ijoro, kuko Uhoraho ari we azokubera umuco wamaho, Imana yawe izokubera ubwiza.
20 Your sun will no longer set, and your moon will not wane; for our Father will be your everlasting light, and the days of your mourning will be ended. Izuba ryawe ntirizoba rikirenga, n’umuco w’ukwezi kwawe ntuzigera ugabanuka. Uhoraho azoba umuco wawe uzohoraho, kandi imisi y’umubabaro wawe izorangira.
21 Your people will all be righteous; they will possess the land forever—the branch of my planting, the work of my hands, that I may be glorified. Hanyuma abantu bawe bose bazoba abagororotsi, kandi bazoragwa igihugu ibihe vyose. Ni bo giterwa nitereye, ni bo gikorwa c’amaboko yanje, kigaragaza ubwiza bwanje.
22 The least one will become 1,000, and the smallest a mighty nation. I am your Father; when the time is right, I will make it happen quickly. Uwa nyuma muri mwebwe azogwira abemwo ibihumbi, umuto muri mwebwe avemwo ihanga rikomeye. Ndi Uhoraho, ivyo nzobishitsa mu kanya gato cane, igihe cavyo kigeze.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]