Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 55 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Listen! All you who are thirsty, come to the water; you without money, come, buy food and eat! Come, buy wine and milk for no price—free of charge. Nimuze yemwe abafise inyota, nimuze mwironkere amazi; na mwebwe mudafise amahera nimuze, nimuze, musume kandi murye! Nimuze, mugure umuvinyu n’amata, ata mahera, ata kiguzi.
2 Why spend money on what is not bread, and your labor on what does not satisfy? Listen carefully to me, and eat what is good, and your soul will delight in the richest food. Ni kuki muta amahera yanyu ku bitari indya, mukaruhira ibitabahaza? Nimunyumvirize kugira ngo mubone kurya ivyiza, ni ho muzonezerererwa ivyokurya biryoshe.
3 Open your ears and come to me; listen, that your soul may live. I will make an everlasting covenant with you, my faithful love promised to David. Nimutege amatwi, muze aho ndi, mwumvirize, kugira ngo mubone kubaho. Nzogirana namwe isezerano ry’intahava, ari ryo sezerano ry’urukundo rudahera nasezeraniye Dawidi.
4 See, I have appointed him a witness to the peoples, a leader and commander of the peoples. Ehe raba, namugize icabona co gushingira intahe abantu, ndamugira umutware wo kubarongora.
5 Surely you will summon a nation you do not know, and a nation that does not know you will run to you, because of your Father, the Holy One of Israel, for he has glorified you." Ni ukuri nawe uzotegeka amahanga utazi, kandi amahanga utigeze umenya azokwihuta aza aho uri, abitewe n’Uhoraho Imana yawe, Uwera wa Isirayeli, kuko azoba yakwambitse ubwiza.
6 Seek our Father while he may be found; call on him while he is near. Nimurondere Uhoraho bigishoboka ko mumubona, mumuhamagare akiri hafi.
7 Let the wicked abandon his way, and the unrighteous man his thoughts. Let him return to our Father, and our Father's heart will be moved with compassion for him; return to our Father, for he will freely pardon. Umunyakibi nareke inzira ziwe, umunyavyaha ave mu vyiyumviro vyiwe bibi. Bagaruke k’Uhoraho, na we azobagirira imbabazi, bagaruke ku Mana yacu, na yo izobaharira ku buntu.
8 "For my thoughts are not your thoughts, neither are your ways my ways,' declares our Father. “Kuko ivyiyumviro vyanje atari vyo vyiyumviro vyanyu, kandi n’inzira zanyu atari zo nzira zanje,” ni ko Uhoraho avuze.
9 'For as the heavens are higher than the earth, so are my ways higher than your ways, and my thoughts than your thoughts. “Nk’uko amajuru ari hejuru cane y’isi, ni ko n’inzira zanje ziri hejuru cane y’inzira zanyu, kandi ni ko n’ivyiyumviro vyanje biri hejuru cane y’ivyanyu.
10 "For as the rain and the snow come down from heaven and do not return there, but water the earth, making it produce and sprout, giving seed to the sower and bread for those who eat, Nk’uko imvura na shelegi bimanuka bivuye mw’ijuru, hanyuma ntibisubire inyuma bitavomeye isi, bigatuma itota igashobora kumera, kugira ngo ihe umubivyi umwimbu n’umuryi ivyokurya,
11 so will my word be that goes out from my mouth: it will not return to me empty, but will accomplish what I desire and achieve the purpose for which I sent it. ni ko n’ijambo riva mu kanwa kanje riri: ntirizosubira inyuma uko ryaje, ariko rizoshitsa intumbero yanje, rishitse intumbero yatumye ndarituma.
12 You will go out in joy and be led out in peace; the mountains and the hills will break into singing before you, and all the trees of the field will clap their hands. Namwe muzovanayo umunezero, murongowe mu mahoro; imisozi n’imitumba bizoturika bibaririmbire, n’ibiti vyo ku misozi bibakomere amashi.
13 Instead of the thornbush the cypress will grow, and instead of the brier the myrtle will grow. This will be for the renown of our Father, an everlasting sign that will not be cut off.'" Ahahora imibambangwe hazomera amasederi, ahari imikere hamere imiriteli Ivyo bizotuma Uhoraho aba rurangiranwa kubera ico kimenyetso gihoraho, kitazigera gikurwaho.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]