Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hosea 14 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Return, Israel, to your Father; for you have stumbled because of your sins. Nimugaruke k’Uhoraho Imana yanyu, yemwe Bisirayeli. Kuko ivyaha vyanyu ari vyo vyatumye mugwa!
2 Return to our Father with words ready; say to him: "Take away all our guilt and receive us with grace, that we may offer the fruit of our lips. Nimujane amajambo yanyu yo kwihana mugende k’Uhoraho. Mumubwire muti: “Duharire ivyaha vyacu vyose maze utwakirane ubuntu, kugira ngo tugushikanire ivyimburwa vy’ishimwe bivuye mu kanwa kacu.
3 Assyria will not save us; we will not ride on horses. We will never again say "our gods" to the work of our own hands, for in you the fatherless finds a father's compassion." Ashuri ntibashobora kudukiza; canke kwurira amafarasi yacu y’intambara. Ntituzosubira kuvuga tuti: ‘Muri imana zacu,’ tubwira ivyo amaboko yacu yakoze, kuko muri wewe honyene ni ho impfuvyi zironka kugirirwa impuhwe.”
4 "I will heal their waywardness; I will love them freely, for my anger has turned away from them. “Nzoharira ugusubira inyuma kwanyu kandi nzobakundisha umutima wanje wose, kuko uburake bwanje bubavuyeko.
5 I will be like the dew to Israel; he will blossom like the lily and send down roots like the cedars of Lebanon. Nzoba nk’ikime ku Bisirayeli; bazoshurika nk’ishurwe ryiza. Bazoshora imizi igere kure mw’ivu nk’igiti c’isederi c’i Libani
6 His shoots will spread out; his splendor will be like the olive tree, his fragrance like the cedars of Lebanon. kandi imivyaro yabo izokura. Ubwiza bwabo buzoba nk’ubw’igiti c’umwelayo, ugutamirana kwabo kuzoba nk’ukw’isederi ry’i Libani.
7 They will return and live in my shade; they will flourish like grain and blossom like the vine, and their renown will be like the wine of Lebanon. Abantu bazosubira kuba musi y’igitutu ciwe; bazokura nk’ingano, bashurike nk’imizabibu, kumenyekana kw’Abisirayeli kuzoba nk’ukw’umuvinyu w’i Libani.
8 Ephraim, what more have I to do with idols? It is I who answer and watch over you. I am like a flourishing cypress; your fruit comes from me." Efurayimu we, uracasangiye iki n’ibigirwamana? Nzomwishura kandi nzomwitaho. Nzoba nk’igiti c’isederi cama gitoshe; ivyamwa vyawe biva kuri jewe.”
9 Whoever is wise, let them understand these things; whoever is discerning, let them know them. For the ways of our Father are right, and the righteous walk in them, but the rebellious stumble in them. Ni nde w’umunyabwenge? Natahure ibi bintu. Ni nde afise ubumenyi? Nabimenye. Inzira z’Uhoraho ziragororotse; kandi umugororotsi azozigenderamwo, ariko abagarariji bazozitsitaramwo bagwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]