Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hosea 13 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When Ephraim spoke, there was trembling; he was exalted in Israel. But he became guilty through Baal, and he died. Iyo Efurayimu avuze, abantu barajugumira; kuko yashizwe hejuru mu Bisirayeli. Ariko Abefurayimu baracumuye mu gusenga Bayali maze barapfa.
2 And now they sin more and more, making molded idols for themselves—silver images shaped by their own skill, all of them the work of craftsmen. To these they say, "Let those who sacrifice kiss the calves!" Ubu rero barushirijeho gukora ivyaha; bicurira ibigirwamana mw’ifeza zabo, bihinguriye mu bwenge bwabo ibishushanyo. Vyose ni ibikorwa vy’abacuzi. Ehe ibivugwa kuri abo bantu: “Batanga abantu kw’ibimazi! Bagasoma ibishushanyo vy’inka!”
3 Therefore they will be like the morning mist, like the dew that fades early away, like chaff swirling from the threshing floor, and like smoke from a window. Ni co gituma bazoba nk’ikime co mu gitondo, nk’igipfungu co mu gatondo kiyonga gihuye n’izuba, nk’umuguruka utumuka uva ku mbuga yo kugosorerako, nk’umwotsi usohoka uca mw’idirisha.
4 But I am your Father, who brought you from the land of Egypt; you acknowledge no Father but me, and besides me there is no savior. “Ariko namye ndi Uhoraho Imana yanyu kuva aho mwaviriye muri Egiputa. Nta yindi Mana muzokwemera atari jewe, kuko ata Mukiza wundi atari jewe.
5 It was I who knew you in the wilderness, in the land of burning drought. Narakwitwararitse uri mu bugaragwa, mu gihugu c’ubushuhe buturira.
6 When I fed them they were satisfied; they were satisfied, and their heart grew proud; therefore they forgot me. Aho nabagaburira, barariye barahaga; bamaze guhaga, bafatwa n’ubwibone; maze baranyibagira.
7 So I have become like a lion to them; like a leopard I lurk beside the road. Ni co gituma nzoba nk’intambwe kuri bo, nzobabundira nk’uko ingwe ibunda i ruhande y’inzira.
8 I will fall upon them like a bear robbed of her cubs; I will tear open the covering of their heart. There I will devour them like a lion, as a wild beast would rip them apart. Nk’idubu ryibwe ibibuguru vyaryo, nzobatera, maze ndabatabagure; nzobashihagura nk’intambwe y’ingore, igikoko co mw’ishamba kizobatabagura.
9 Israel, you bring destruction on yourself by being against me—against your helper. Urahonye, yewe Isirayeli, kuko wigize umwansi wanje, jewe umutabazi wawe.
10 Where now is your king, that he may save you in all your cities? Where are your rulers, of whom you said, "Give me a king and princes"? Umwami wawe ari hehe, kugira ngo agukize? Abatware bawe bo mu bisagara vyose vyawe bari hehe? Abo wansavye uvuga uti: ‘Mpa umwami n’abaganwa’?
11 I gave you a king in my anger, and in my wrath I took him away. Ico catumye ndaguha umwami nshavuye, kandi mu burake bwanje ndamutwara.
12 The guilt of Ephraim is sealed away; his sin is stored up. Ivyaha vya Efurayimu vyaregeranijwe, ivyaha vyiwe vyaranditswe birabikwa.
13 The pangs of childbirth come for him, but he is an unwise son; for when the time arrives, he does not come out at the opening of the womb. Uburibwe bubajeko nk’uko ibise biza ku mugore afise inda, ariko ni nk’umwana atagira ubwenge; igihe gishitse co kuvuka, ntazoshobora gusohoka ngo ave mu nda ya nyina.
14 From the power of the grave I will ransom them; from death I will redeem them. Where, O Death, are your plagues? Where, O the grave, is your destruction? Relenting is hidden from my eyes. Nzotabara aba bantu ndabakure mu kuzimu; nzobacungura ndabakure mu rupfu. Wa rupfu we, ivyago vyawe biri hehe? Kuzimu we, ubushobozi bwawe bwo kwica buri hehe? Sinzogira impuhwe,
15 Though he flourishes among the reeds, an east wind will come—a wind of our Father rising from the wilderness. His spring will fail and his fountain run dry; the east wind will plunder his treasury of every precious thing. Efurayimu naho yotera imbere hagati mu bavukanyi biwe. Umuyaga uvuye k’Uhoraho uzoza uvuye i buseruko, uzohuha uturutse mu bugaragwa; isoko yabo izokama n’iriba ryaho ryume. Ububiko bwabo buzokwibwa ubutunzi burimwo bwose bunyagwe.
16 Samaria will bear her guilt, because she has rebelled against her Father. They will fall by the sword; their little ones will be dashed to pieces, and their pregnant women ripped open. Abantu b’i Samariya bazobona inkurikizi z’ivyo bakoze, kuko bagararije Imana yabo. Bazokwicwa n’inkota; abana babo b’inzoya bazobasya babamenagurire hasi, abagore babo bibungenze bazofomozwa inkota.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]