Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hosea 11 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Urukundo Imana ifitiye Abisirayeli

1Isirayeli akiri umwana, naramukunda,kandi nahamagaye umwana wanje ngo ave muri Egiputa.

2Ariko uko nabahamagara,ni ko barushaho kuja kure yanje.Bashikaniye ibimazi za Bayalikandi baturirira ibimota neza ibishushanyo.

3Ni jewe nigishije Efurayimu gutambuka,ndabafashe ukuboko;ariko ntibamenyeko ari jewe nabakijije ingwara.

4Nabakwegesheje imigozi y’ukugira neza kw’abantu,n’imigozi y’urukundo.Nababereye nk’uwuterura akana gatoyaakagakikira,kandi narunamye kugira ngo ndabagaburire.

5Mbega ntibazosubira muri Egiputa,vyongeye Abashuri ntibazobaganzako banse kwihana?

6Inkota izoza ku bisagara vyabo;izorigata abavugishwa b’ibinyoma baboishire kw’iherezo imigambi yabo.

7Abantu banje bafashe ingingo yo kuntera ibitugu.Naho banyita Imana Musumbavyose,sinzokwigera ndabashira hejuru.

8“Efurayimu we, mbega noguheba nte?Isirayeli we, mbega nogutanga gute?Mbega nokugirira nk’i Adima?Mbega nokugirira nka Zeboyimu?Umutima wanje urabuze ico uhitamwo;ntewe n’akagongwe.

9Sinzobahanana uburake,kandi sinzosubira gusangangura Efurayimu.Kuko ndi Imana, ntari umuntu,Uwera ari muri mwebwe.Sinzotera ibisagara vyabo.

10Kuko umusi umwe bazokurikira Uhoraho;kandi nzokwivuga nk’intambwe.Aho nzokwivugira,abana biwe bazoza bahinda agashitsi bava mu burengero.

11Bazoza bavuye muri Egiputa,bahinda agashitsi nk’inyoni,bavuye muri Ashuri, bameze nk’inuma.Nzobasubiza mu mazu yabo,”ni ko Uhoraho agize.

Icaha c’Abisirayeli

12Efurayimu yankikije ibinyoma,Isirayeli na we yankikije uguhendana.Kandi Yuda yahindutse umugarariji ku Mana,ku Wera w’Umwizigirwa.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]