Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 17 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "My spirit is broken, my days are snuffed out, the grave is ready for me. Umutima wanje unshongeyemwo, imisi yanje irashize. Imva yiteze kunyakira.
2 Surely mockers surround me, and my eyes cannot look away from their taunting. Ni ukuri, abacokoranyi barankikuje, amaso yanje ntagoheka kubera urwanko rwabo.
3 "Put up a pledge for me with yourself; who else will give their word as my guarantor? Mburanira, ewe Mana yanje, kuko ata wundi ari ku ruhande rwanje.
4 For you have closed their minds to understanding; therefore you will not let them triumph. Imitima yabo wayimye ugutahura, ku bw’ivyo ntiwemere ko bagira intsinzi.
5 One who denounces friends for personal gain—the eyes of his children will fail. Ko badodobereza bagenzi babo kubera inyungu zabo, abana babo bazicwa n’inzara.
6 "He has made me a byword among the peoples, someone they spit in the face. Imana yangize iciro ry’imigani, mpinduka uwo abantu bose bacira amate mu maso.
7 My eye has grown dim from grief, and all my limbs are like a shadow. Amaso yanje ahumishijwe n’intuntu, igikankara canje gisigaye kimeze nk’igitutu.
8 The upright are appalled at this, and the innocent is roused against the godless. Abagororotsi bazobibona bumirwe, intungane zihagurukira abatubaha Imana.
9 Yet the righteous holds to his way, and the one with clean hands grows stronger and stronger. Abagororotsi bazoguma mu nzira zabo, n’intungane zizokwama zongerezwa inkomezi.
10 "But come back, all of you, come now—I find not one wise man among you. Ariko mweho, nimugaruke musubire mugerageze; ariko ndazi ko ata munyabwenge nsanga muri mwebwe.
11 My days are past, my plans are broken off, and with them the desires of my heart. Imisi yanje irarangiye, imigambi yanje yose ikuweho. Ivyipfuzo vy’umutima wanje birapfuye.
12 They turn night into day; 'light,' they say, 'is near'—in the face of darkness. Aba bagabo banyizeza ko ijoro ari umurango, umwijima uje bavuga ko umuco ugira ushike.
13 If I hope for the grave as my house, if I spread my bed in the darkness, None ko ivyizigiro nsigaranye ari imva, nkaba niteze gusasa uburiri bwanje mu mwijima,
14 if I call to the pit, 'You are my father,' and to the worm, 'My mother' and 'My sister,' nkabwira ukubora nti: ‘Ni wewe Data,’ urunyo nkarubwira nti ‘Ni wewe Mama, ni wewe mushikanje,’
15 where then is my hope? Who can see any hope for me? none ivyizigiro vyanje biri hehe? Mbega hari uwobona na kimwe?
16 Will it go down to the gates of the grave? Will we descend together into the dust?" Ivyizigiro vyanje bizomanuka mu marembo y’i kuzimu. Nzojana na vyo mw’ivu.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]