Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 16 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then Job answered: Maze Yobu asubizayo ati:
2 "I have heard many things like these; miserable comforters are you all. “Ibintu nk’ivyo nari maze kwumva ni vyinshi, kandi mwese muri abakene mu vyo gutera intege!
3 Is there no end to your windy words? What provokes you that you keep on answering? Mbega amajambo yanyu asunitswe n’umuyaga ntagira iherezo? Hari ico navuze catumye muvuga urudaca?
4 I also could speak as you do, if you were in my place; I could string words together against you and shake my head at you. Erega nanje nari gushobora kuvuga nkamwe, iyo muba mwari mu kibanza canje. Nari kuvuga amajambo anoboye neza, nkabazungagiriza umutwe nitwengera.
5 But I would strengthen you with my mouth, and the comfort of my lips would ease your pain. Ariko jeho amajambo yanje yobateye intege, akanwa kanje kotumye muruhuka mu mitima yanyu.
6 If I speak, my pain is not eased; and if I hold back, what leaves me? Ariko ubu naho nogerageza kuvuga, umubabaro wanje ungumamwo. Kandi naho nonuma, nta co biri bumfashe.
7 Surely now God has worn me out; you have devastated all my company. Ni ukuri, Mana urankenyaguye, umariyeko abanje bose.
8 You have shriveled me up, and it has become a witness; my gauntness rises up against me and testifies to my face. Wanteye iminkanyari, kandi nsigara ku magufa gusa; ukuzingama kwanje kunyagiriza imbonankubone.
9 His anger has torn me and assailed me; he has gnashed his teeth at me; my adversary fixes his eyes on me. Imana yaranteye itabagura umubiri wanje. Yarangwanije indira imisaya, intobekeranisha igitsure cayo.
10 Men have gaped at me with their mouths; they have struck my cheek in scorn; they band together against me. Abantu na bo buguruye akanwa kabo baritwengera; bankubita kw’itama bancokora, bariyegeranya kugira ngo bangwanye.
11 God hands me over to the unjust and casts me into the grip of the wicked. Imana yandekuriye mu maboko y’abanyavyaha, yantereye mu maboko y’abanyakibi.
12 I was at ease, and he shattered me; he seized me by the neck and dashed me to pieces; he has set me up as his target. Nari nimererewe neza, maze irankenyagura. Yamfashe kw’izosi, imvunagura ata kigongwe, intumberezako imyampi yayo.
13 His archers surround me; he slashes open my kidneys without mercy and pours my gall on the ground. Abarashi bayo banciye irya n’ino, intobekeranya mu mafyigo ata kigongwe, amara yanje asanzara hasi.
14 He breaks me with blow after blow; he rushes at me like a warrior. Intobagura ahantu hose, ikantera imeze nk’umugwanyi.
15 I have sewn mourning clothes over my skin and buried my brow in the dust. Nishoneye amagunira ku mubiri, hanyuma ndihamba mu mukungugu.
16 My face is flushed from weeping, and deep shadow lies on my eyelids, Amaso yanje atukujwe n’ukurira, kandi umwijima utwikiriye ingohe zanje.
17 though there is no violence in my hands and my prayer is pure. Ariko nta kibi amaboko yanje yakoze, kandi isengesho ryanje riratunganye.
18 Earth, do not cover my blood, and let my cry find no resting place. Ewe wa si we, ntumire amaraso yanje; ukurira kwanje kuzokwame kwumvikana ibihe vyose.
19 Even now, my witness is in heaven, and my advocate is on high. Mbere kugeza n’ubu icabona canje kiri mw’ijuru; uwumburanira ashizwe hejuru.
20 My friends scorn me; my eye pours out tears to God, Abagenzi banje ni bo bancokora, ariko amarira yanje ndayasukira Imana.
21 that he would plead the case of a man before God, as a son of man pleads for his neighbor. Mbega hari umuhuza yoja hagati y’umuntu n’Imana, nka kurya umuntu aja hagati y’umuntu n’uwundi?
22 For only a few years will pass, and then I will go the way of no return." Kuko imyaka y’ukubaho kwanje igiye guhera, mfate inzira y’ubutakigaruka.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]