Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 18 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then Bildad the Shuhite answered: Biludadi w’i Shuhi na we avuga ati:
2 "How long will you hunt for words? Show some sense, and then we can talk. “Mbega uzogeza ryari kuvuga ayo majambo yose? Nuvuge ibiroranye nimba ugomba kwishura.
3 Why are we treated like cattle, counted as stupid in your sight? Ni iki gituma udufata nk’ibikoko, ukabona ko turi ibijuju imbere yawe?
4 You who tear yourself to pieces in your anger—should the earth be abandoned for your sake, or the rock be moved from its place? Wewe witabagurana uburake bwawe, wibaza ko isi ica ihebwa kubera wewe? Canke ko igitandara gica gikurwa aho kiri?
5 Yes, the light of the wicked is snuffed out, and the flame of his fire goes dark. Ni ukuri itara ry’umunyakibi rizozima, n’urubeya rwiwe ruzohagarika kwaka.
6 The light grows dark in his tent, and the lamp above him goes out. Umuco wo mu nzu yiwe uzohinduka umwijima, urumuri rumanitse mu nzu yabo ruzozima
7 His vigorous strides are cut short, and his own schemes throw him down. Intambuko z’inkomezi ziwe zizopfunyapfunywa, kandi imigabo yiwe ni yo izomutsinda hasi.
8 His own feet drive him into a net, and he walks right into its mesh. Ibirenge vyiwe ni vyo bimutwara mu mutego, bikamuta mu kinogo cimbwe mu nzira.
9 A trap seizes him by the heel; a snare grips him tight. Umutego uzomufata ku gitsintsiri, ibiziriko bimubohe bimugumye.
10 A noose is hidden for him in the ground, and a trap lies waiting on his path. Umugozi wo kumufata uhishijwe mw’ivu, umutego wiwe uryamye mu nzira.
11 Terrors startle him on every side and chase him at his heels. Ibimutera ubwoba bizomukanga impande zose, bizomwoma ku birenge bimwiruke inyuma.
12 His strength is starved away, and calamity stands ready for his fall. Ivyago biramwipfuza, ugutikiza kwiteze ko atsitara.
13 It devours patches of his skin; the firstborn of death devours his limbs. Ingwara zishishimuye umubiri wiwe, imfura z’urupfu zimuriye amaguru n’amaboko.
14 He is torn from the safety of his tent and marched off to the king of terrors. Azorandurwa mu rugo rwiwe yishimiye, ahonyangwe n’umwami w’ibiteye ubwoba.
15 Fire settles in his tent, no longer his own; burning sulfur is scattered over his home. Umuriro uzokwama ku nzu yiwe, n’amazuku aturira azokwama akwiragiye aho aba.
16 His roots dry up below, and his branches wither above. Imizi yiwe izokwumira mu kuzimu, na yo amashami yiwe yumire mu kirere.
17 His memory perishes from the earth, and he has no name in the streets. Izina ryiwe rizokwibagirwa kw’isi, mu gihugu nta wuzomwibuka.
18 He is driven from light into darkness and chased out of the world. Azokwirukanwa mu muco ajanwe mu mwijima, azocibwa kw’isi.
19 He leaves no offspring or descendant among his people, no survivor where he once lived. Ntazobona abana canke abuzukuru mu bwoko bwiwe, nta wuzosigara aho azoba yarabaye.
20 Those in the west are appalled at his fate, and those in the east are seized with horror. Abazova mu burengero bazotangarira ibizomushikako, abo mu buseruko bibatere guhinda agashitsi.
21 Surely this is what becomes of the dwellings of the wicked, the place of the one who does not know God." Bazovuga bati: ‘Ni ukuri aho ni ho mu nzu y’abanyakibi, ni co kibanza c’abataye Imana.’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]