Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 19 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then Job answered: Yobu yishura ati:
2 "How long will you torment my soul and crush me with words? “Mbega muzogeza ryari kumbabariza umutima, no kumvunaguza amajambo yanyu?
3 These ten times you have insulted me; you are not ashamed to wrong me. Ubu bubaye ubugira cumi munyagiriza, nta n’isoni mugira zo kunkorera ikibi.
4 And even if I have truly erred, my error remains with me. Mbere naho noba naracumuye, ico caha kiraba jewe.
5 If indeed you exalt yourselves over me and use my disgrace as an argument against me, Nimba mushaka kunyiratako, mukantetereza kubera icaha canje,
6 know then that God has wronged me and has closed his net around me. mumenye ko Imana ari yo yangiriye nabi, yamfatiye mu mutego.
7 I cry out, 'Violence!' but I am not answered; I call for help, but there is no justice. Ndatakamba mvuga nti: ‘Ndarenganywa!’ Ariko nta wunyumva; ndatabaza ariko nta wuncira urundenganura.
8 He has walled up my way so that I cannot pass, and he has set darkness upon my paths. Yaranzibiriye inzira kugira ngo sindengane, inzira yanje yayizibije umwijima.
9 He has stripped my glory from me and taken the crown from my head. Yankuyeko icubahiro, anyambura urugori ku mutwe.
10 He breaks me down on every side, and I am gone; he has uprooted my hope like a tree. Yantabaguye impande zose gushika andangize, ivyizigiro vyanje yabiranduye nk’uwurandura igiti.
11 He has kindled his wrath against me and counts me as his adversary. Uburake bwayo buranziriringiye, imparura mu bansi bayo.
12 His troops advance together; they build their siege ramp against me and encamp around my tent. Ingabo zayo zije aho ndi mu nkomezi. Ziranyugarije, zisagaje hirya no hino y’inzu yanje.
13 He has put my brothers far from me, and those who knew me are wholly estranged from me. Abavukanyi banje yabagize abanyamahanga kuri jewe, abo twari tuzinanyi baranyihakanye.
14 My relatives have failed me, and my close friends have forgotten me. Incuti zanje za hafi zaramvuyeko, abagenzi banje baranyibagiye.
15 The guests in my house and my maids count me as a stranger; I have become a foreigner in their eyes. Abo mpaye indaro hamwe n’abakobwa bakora mu nzu bamfata nka kavantara, bambona nk’umunyamahanga.
16 I call to my servant, but he gives no answer; I have to plead with him myself. Umukozi wanje ndamuhamagara ntanyitabe, naho ndamwinginga n’akanwa kanje.
17 My breath is repulsive to my wife, and I am loathsome to my own brothers. Impwemu zanje zinukira umugore wanje, umuryango wanje na wo ndawushisha.
18 Even young children despise me; when I rise, they talk against me. N’abana bato barancokora. Iyo nserutse barantetereza.
19 All my intimate friends abhor me, and those whom I loved have turned against me. Abagenzi banje bo ku mutima ndabashisha, abo nkunda banteye ibitugu.
20 My bones cling to my skin and to my flesh, and I have escaped by the skin of my teeth. Nsigaye ndi igikankara kiriko umubiri gusa, ni vyo vyonyene nsigaranye.
21 Have pity on me, have pity on me, my friends, for the hand of God has struck me! Nimungirire impuhwe bagenzi banje. Nimungirire impuhwe kuko ukuboko kw’Imana kwankubise.
22 Why do you pursue me like God, and are never satisfied with my flesh? Ni kubera iki mumpama nk’uko Imana iriko irampama? Mbega uko umubiri wanje umeze ntibihagije?
23 If only my words were written down! If only they were inscribed in a scroll, Ese amajambo yanje iyo aba yanditswe, akandikwa mu gitabu,
24 that with an iron pen and lead they were engraved in the rock forever! Ese iyo aba yandikishijwe ikaramu y’icuma kw’ibuye, agakorogoshorwa mu gitandara, akazokwamaho ibihe vyose.
25 For I know that my Redeemer lives, and at the last he will stand upon the dust. Ariko jeho ubwanje ndazi ko umucunguzi wanje ari muzima, kandi ko impera n’imperuka azohagarara kw’isi.
26 And after my skin has been destroyed, yet in my flesh I will see God, Kandi ko naho umubiri wanje uzobora, nzobona Imana ndi mu mubiri.
27 whom I myself will see, and my own eyes will gaze on him, not another. My heart faints within me! Nzoyibonera jewe ubwanje. Ni ukuri nzoyibonera amaso mu yandi. Umutima wanje uruhijwe no kurindira ico gihe.
28 If you say, 'How we will pursue Job!' and, 'The root of the matter is found in him,' Iyo muvuze ngo: ‘Mbega twomuhiga gute? Ko umuzi w’ingorane ziwe uri muri we nyene,’
29 be afraid of the sword, for wrath brings the punishment of the sword, that you may know there is a judgment." Ahubwo mweho ndababwira ko mugowe! Kuko mwikwegera inkota mu ngeso zanyu. Aho ni ho muzomenyera ko urubanza rubaho.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]