Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 20 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then Zophar the Naamathite answered: Hanyuma Zofari w’i Nayama na we arishura ati:
2 "This is why my troubled thoughts compel me to answer, because of the turmoil within me. “Ivyiyumviro vyanje birazazaniwe none binteye kwishura, kubera yuko mpungabanye.
3 I hear a rebuke that dishonors me, and out of my understanding a spirit prompts me to reply. Numva wanyubahutse untesha agaciro, none umutima wanje ungoberereye kugira ico mvuze.
4 Surely you know how it has been from ancient times, ever since mankind was placed on the earth: Mbega ntuzi uko vyamye kuva kera, kuva umuntu agishirwa kw’isi,
5 the triumph of the wicked is brief, and the joy of the godless lasts only a moment. ko intsinzi y’abanyakibi imara umwanya urume rumara, kandi ko umunezero w’abatubaha Imana ari uw’akanya gato?
6 Though his pride reaches to the heavens and his head touches the clouds, Naho ukwibona kwiwe kwoshika kw’ijuru, umutwe wiwe ugakora ku bicu,
7 he will perish forever, like his own waste; those who had seen him will ask, 'Where is he?' azohona ntiyongere kubaho, kurya kw’umwanda umuvamwo. Abamubonye bazobaza bati: Mbega yagiye he?
8 He will fly away like a dream, never to be found, chased off like a vision of the night. Atumuka nk’indoto, ntabe agisubira kuboneka. Azozimangana nk’ivyo umuntu arazirana mw’ijoro.
9 The eye that saw him will see him no more; his place will look on him no longer. Ijisho ryamubonye ntirizosubira kumubona, n’umuryango wiwe ntuzosubira kumubona.
10 His children will beg from the poor; his own hands must give back his wealth. Abana biwe bazosega aboro; amaboko yiwe ni yo azosubiza ubutunzi yagunze abandi.
11 The youthful vigor that fills his bones will lie down with him in the dust. Inkomezi zo mu buto bwiwe zuzuye mu magufa yiwe zizojana na we mw’ivu.
12 Though evil is sweet in his mouth and he hides it under his tongue, Naho ikibi gisosera akanwa kiwe, akagihisha musi y’ururimi,
13 though he is loath to let it go and keeps it in his mouth, akanka kugicira, akakigumiza mu kanwa kiwe,
14 yet his food turns sour in his stomach; it becomes the venom of cobras within him. ivyo yariye bizomuhinduka mu mushishito, bibe nk’ubumara bw’inzoka mu nda yiwe.
15 He swallows down riches but vomits them up; God drives them out of his belly. Azodahwa ubutunzi yamiraguye, Imana ntizemera ko bumugumamwo.
16 He sucks the poison of cobras; the fangs of a viper kill him. Azonunuza ubumara bw’inzoka, kandi ururimi rw’imvuvyi ruzomwica.
17 He will never look on the streams, the rivers flowing with honey and curds. Ntazosubira kunezererwa inzuzi, zimwe zitembamwo amata n’ubuki.
18 He must give back the fruit of his toil without swallowing it; he will not enjoy the profit of his trading. Ivyo yabiriye akuya azovyakwa atabiriye, ntazorya ku nyungu z’urudandazwa rwiwe.
19 For he crushed and abandoned the poor; he seized a house he did not build. Yatoteje aboro, agirako arabashibura. Yinjiye amazu atubatse.
20 Because his gut knew no peace, he will not escape with the things he craved. Yamana umunoho ntiyigera ahazwa. Kandi mu vyo yahahamiye, nta na kimwe kizosigara.
21 Nothing was left for him to devour; therefore his prosperity will not endure. Nta casigaye atayongobeje, ni co gituma ubutunzi bwiwe butazorama.
22 In the fullness of his plenty, distress will overtake him; the full weight of misery will come upon him. Naho akikijwe n’ivyuzuye, azosugerezwa n’intuntu. Amagorwa azomuzako mu nkomezi zayo zose.
23 When he has filled his belly, God will unleash his burning anger against him and rain it down on him as his food. Niyamara kwuzuza inda yiwe, Imana izomusukako uburake bwayo, izobumucuncuburirako nk’imvura.
24 Though he flees from an iron weapon, a bronze arrow will pierce him through. Naho yohunga inkoni y’icuma y’Imana, umwampi w’umwakaka wayo uzomutobekeranya.
25 He pulls it out, and it comes from his body; the glittering point comes out of his gall. Terrors fall upon him. Azokwishikuramwo umwampi, na wo uze ujejeta amaraso, maze atekerwe n’ubwoba.
26 Total darkness lies in wait for his treasures; a fire no one kindled will consume him and devour whatever is left in his tent. Ubutunzi bwiwe buzokamanganira mu mwijima. Umuriro w’icaduka uzomutongora, urigite ibizoba bisigaye mu nzu yiwe.
27 The heavens will expose his guilt, and the earth will rise up against him. Amajuru azogaragaza ibigabitanyo vyiwe, isi na yo ihaguruke imugwanye.
28 All the wealth of his house will be carried off, swept away in the day of God's wrath. Isegenya izohitana inzu yiwe, uburake bw’Imana bumuzeko nk’umukuba w’uruzi.
29 This is the wicked man's portion from God, the heritage appointed for him by God." Iyo ni yo mpera Imana iha abanyakibi, ni ryo ragi yabageneye.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]