Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 21 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then Job answered: Yobu yishura ati:
2 "Listen carefully to my words, and let this be the comfort you offer me. “Nimutege amatwi amajambo yanje, ripfume riba ihumure mumpaye.
3 Bear with me while I speak, and after I have spoken, you may go on mocking. Munyihanganire mvuge, ninaheza muheze mwitwengere.”
4 As for me, is my complaint against a mere man? Why should I not lose my patience? “Mbega hari abantu nidodombeye? Icotuma nihangana ni iki?
5 Look at me and be appalled, and put your hand over your mouth. Nimundabe hanyuma mutangare, mushire ikiganza ku munwa mwumiwe.
6 When I remember it, I am terrified, and shuddering grips my flesh. Iyo niyumviriye ibi, ngira ubwoba, umubiri wanje ugatetemera.
7 Why do the wicked go on living, growing old and increasing in power? Ni kubera iki abanyavyaha baramba, bagashika mu zabukuru, kandi bakaba abahambaye?
8 Their children are settled and secure with them before their eyes, and their offspring before their sight. Barabona abana babo bakura, bakanezerererwa abuzukuru babo.
9 Their houses are safe and free from fear, and no rod of God falls upon them. Ingo zabo ziratekaniwe, kandi ntizigiramwo ubwoba. Inkoni y’Imana ntiri kuri bo.
10 Their bull breeds and never fails; their cow calves and does not miscarry. Amapfizi yabo ntiyigera ahusha kwimya, amashashi yabo avyara neza nta yiramburura.
11 They let their little ones run free like a flock, and their children skip about. Abana babo biginagura imbere yabo nk’imyagazi, kandi abana bato bama bariko baravyina.
12 They sing to the tambourine and the lyre and celebrate to the sound of the pipe. Bama baririmba bavuza ingoma n’inanga, bakanezererwa amajwi y’imyironge,
13 They spend their days in prosperity, and in peace they go down to the grave. Bamara imyaka n’imyaka baguwe neza mu vyabo, hanyuma bakaja i kuzimu amahoro.
14 Yet they say to God, 'Leave us alone! We have no desire to know your ways. Ariko babwira Imana bati: ‘Tuveko, ivy’inzira zawe nta vyo dukeneye.
15 What is the Almighty, that we should serve him? And what would we gain by praying to him?' Mbega Iyishoboravyose ni iki aho tuyikorera? Mbega kuyisenga vyotumarira iki?’
16 But their prosperity is not in their own hands; I want nothing to do with the counsel of the wicked. Ariko ubutunzi bwabo si bo babwizigamira. Ni co gituma nirinda imigambi y’abanyakibi.
17 How often is the lamp of the wicked snuffed out? How often does their disaster fall upon them? How often does God deal out pains in his anger? Mbega itara ry’abanyakibi hari aho ryigera rizima? Hari icago kibagwako? Mbega Imana ntibarengana iyo iriko irasuka umubabaro ku bantu?
18 How often are they like straw before the wind, like chaff that a storm sweeps away? Hari aho baramera nk’ivyatsi bigururwa n’umuyaga? Canke nk’umuguruka utumurwa n’umuyaga?
19 You say, 'God stores up a man's punishment for his children.' Let him repay the man himself, so that he learns it. Mweho muvuga muti: ‘Reka Imana izohana abana babo.’ Ahubwo ikwiye guhana uwacumuye ubwiwe, akibonerako.
20 Let his own eyes see his ruin, and let him drink the wrath of the Almighty. Amaso yiwe akibonera agatikizo, akanywa ku burake bw’Iyishoboravyose.
21 For what does he care about his household after him, when his months are cut short? Mbega ibizoshikira abo yasize hari ico bizoba bikimugize niyamara gupfa?
22 Can anyone teach God knowledge, since it is he who judges those on high? Mbega hari uwokwigisha ubwenge Imana, kandi ari yo icira imanza n’abamarayika?
23 One person dies in full vigor, wholly at ease and secure, Bamwe bapfa bacuzuye inkomezi, bakiguwe neza, bari mu mahoro,
24 his body well nourished and the marrow of his bones still moist. imibiri yabo ikimeze neza, amagufa yabo akirimwo imisokoro.
25 Another dies with a bitter soul, never having tasted any good. Abandi bagapfana umururazi mu mitima, batigeze babona iciza na kimwe.
26 Together they lie down in the dust, and the worms cover them both. Abo bompi bahambwa mu mva zimwe, bakaribwa n’urunyo rumwe.
27 Look, I know your thoughts, and your schemes to wrong me. Erega ndazi ivyo mwiyumvira. Ndazi ibibi vyose mwateguye kungirira!
28 For you say, 'Where now is the house of the noble? Where is the tent where the wicked lived?' Murabaza muti: ‘Mbega inzu y’uwuhambaye iri he, aho umunyakibi yahora aba ni he?’
29 Have you never asked those who travel the roads? Will you not accept the proof they give, Murazobaza ingenzi, zizobabwira ukuri.
30 that the evil man is spared in the day of disaster, that he is delivered in the day of wrath? Abanyakibi barazigamwa mu bihe vy’ivyago vy’ivyaduka, bagakingirwa uburake bw’Imana.
31 Who confronts him to his face for his conduct, and who repays him for what he has done? Nta wubahangara ngo abagirize ibibi vyabo imbonankubone, nta n’uwubasubiriza mu ndumane ivyo bakoze.
32 He is carried to the grave, and a watch is kept over his tomb. Barapfa bagahambwa, imva zabo zikarindwa mu cubahiro.
33 The soil of the valley is sweet to him; everyone follows after him, and those before him are beyond counting. Isi yo mu biyaya bahambwamwo imeze neza, umuntu wese akabaherekeza, amasinzi akabaja imbere.
34 So how can you comfort me with empty words? Your answers are nothing but falsehood." None mwebwe mwompoza amarira mute n’ayo majambo yanyu atagira insiguro? Nta co musigaje kunyishura atari ibinyoma gusa.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]