Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 35 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Umunezero w’abacunguwe

1Ubugaragwa n’isi igadutse bizonezerwa,inyovu yumye inezerwe kandi ishurikenk’amashurwe yitwa narasisi.

2Hazokwuzura amashurwe menshi,higinagure n’indirimbo z’umunezero.Hazohabwa ubwiza bw’i Libani,hahabwe n’igikundiro c’i Karumeli n’i Sharoni.Abaho bose bazobona ubwiza bw’Uhorahon’ubukuru bw’Imana yacu.

3Nimukomeze amaboko adendebukiwe,mukomeze n’amavi areganutse,

4mubwire abafise imitima yuzuye ubwoba muti:“Nimukomere, ntimutinye;Imana yanyu iraje,izanywe no kubahora;ije ifise ingero,izanywe no kubakiza.”

5Maze amaso y’impumyi azohumuka,amatwi y’ibipfamatwi yuguruke.

6Ibimuga bizosimba nk’ingeregere,indimi z’ibiragi ziririmbe indirimbo z’umunezero.Amasoko y’amazi azodudubiza mu bugaragwa,n’inzuzi zizosendanisha ahagadutse.

7Ahari umusenyi uturira hazohinduka ikidengeri c’amazi,n’isi igadutse izodudubiza amazi.Ahahora ari ihuriro n’ubwihisho bw’imfyisihazomera ubwatsi butotahaye, amarenga hamwe n’urufunzo.

8Hazobayo ibarabara ryagutse,rizokwitwa Inzira y’Ukwera;izoba iy’abagendera mu nzira z’Imana.Abahumanye ntibazoyicamwo;ibipfu ntibizoyihonyoramwo.

9Nta ntare zizoyicamwo,eka nta n’ikindi gikoko kiryana;kizoharangwa.Abacunguwe bonyene ni bo bazoyicamwo.

10Abacunguwe n’Uhoraho bazogaruka;bazokwinjira i Siyoni baririmba;umunezero udashira ni wo uzoba urugori ku mitwe yabo.Akamwemwe n’umunezero bizobuzura,kandi umubabaro no gusuhuza umutima bizohunga.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]