Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 21 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The oracle of the wilderness of the sea. Like whirlwinds sweeping the Negev, it comes from the wilderness, a fearsome land. Imburi ku bugaragwa bwo ku kiyaga. Nk’uko agashururu ko mu gihugu co mu bumanuko gasuriranya, ni ko uwuguteye aje azananye mu bugaragwa, avuye mu gihugu giteye ubwoba.
2 A harsh vision has been shown to me: the betrayer betrays, and the destroyer destroys. Go up, Elam! Lay siege, Media! I have put an end to all the groaning she caused. Neretswe ibintu biteye ubwoba: Umuhemu ariko arahemuka, umunyazi ariko aranyaga. Ewe Elamu, tera! Nawe Medi, ugariza! Nzorangiza amaborogo yose Babiloni hahora hateza.
3 Therefore my body is gripped with anguish; pangs have seized me, like the pangs of a woman in labor. I am too doubled over to hear, too terrified to see. Ncitse intege kubera ububabare. Uburibwe bumfashe nk’umuvyeyi ari ku bise. Njugumijwe n’ivyo numvise, ivyo mbonye bimpumye amaso.
4 My heart staggers; horror overwhelms me. The twilight I longed for has turned to trembling for me. Umutima wanje urasimbagurika, ubwoba butumye njugumira. Umugoroba nari nipfuje ko ushika unteye guhinda agashitsi.
5 They set the table, they spread the rugs, they eat, they drink. Rise up, you princes! Oil the shields! Bateguye imeza, basasa ibirago, bararya, baranywa! Nimuhaguruke mwa ntwazangabo mwe, musige amavuta inkinzo zanyu.
6 For this is what the Sovereign Father said to me: "Go, station the watchman; let him report what he sees. Kuko Uhoraho yambwiye ati: “Genda ushireho umuteramyi, na we aje arakubwira ivyo abona.
7 When he sees riders, horsemen in pairs, riders on donkeys, riders on camels, let him watch closely, very closely." Niyabona imikogote iri kumwe n’amafarasi, canke akabona abagendera ku ndogoba, canke abagendera ku ngamiya, yitegereze cane kandi akobeje.”
8 Then the watchman cried out: "A lion! Upon the watchtower, O Sovereign Father, I stand continually by day, and at my post I keep watch all through the nights." Maze wa muteramyi arasemerera ati: “Mwami, imisi yose nama mpagaze ku munara. Amajoro yose mba ndi ku kirindiro canje.
9 And look—here come riders, horsemen in pairs! And he answered, "Fallen, fallen is Babylon, and all the carved images of her gods lie shattered on the ground." None raba haje umugabo ari ku mukogote, ari kumwe n’umugwi w’amafarasi. Wa muteramyi arongera avuga ati: ‘Babiloni harasenyutse, harasenyutse! Ibibumbano vy’ibigirwamana vyabo vyose bisenyukiye hasi biramenaguritse.’ ”
10 O my threshed people, child of my threshing floor, what I have heard from the Father of heaven's armies, I declare to you. Mwa bantu banje, musekuriwe ku mbuga nk’ingano, ndababwiye ivyo numvanye Uhoraho Mushoboravyose, ivyo nakuye ku Mana ya Isirayeli.
11 An oracle about Dumah. Someone calls to me from Seir: "Watchman, what of the night? Watchman, what of the night?" Imburi kuri Duma. Hari uwumpamagaye ari i Seyiri, ambaza ati: “Yewe muteramyi, ijoro rigeze he? Yewe muteramyi, ijoro rigeze he?”
12 The watchman says, "Morning comes, and also the night. If you would inquire, then inquire; come back again." Umuteramyi yishura ati: “Bugira buce, ariko buca bwongera bwire. Nimba ugomba gusubira kumbaza, uze kugaruka umbaze.”
13 The oracle concerning Arabia. In Arabia's thickets you will spend the night, you Dedanite caravans. Imburi kuri Arabiya: Yemwe mwa ngenzi z’i Dedani mwe, nimwinyegeze mu bugaragwa bwa Arabiya,
14 Bring water to the thirsty; you who live in the land of Tema, bring bread to the fugitive. Yemwe ababa i Tema, nimuzanire amazi abanyotewe, abahunga nimubasanganize ivyokurya.
15 For they have fled from the swords—from the drawn sword, from the bent bow, and from the weight of battle. Bariko barahunga inkota kuko yakuwe mu rwubati, n’imiheto ikaba yafowe, batewe ubwoba n’intambara.
16 For the Sovereign Father told me: "Within a year, as a hired worker counts it, all Kedar's glory ends. Uku ni ko Uhoraho yambwiye: “Mu mwaka umwe, nk’uko umukozi akorera impembo ku kwezi awuharura, icubahiro c’i Kedari kizorangira.
17 The remaining archers, Kedar's warrior sons, will be few, for our Father has spoken." Abarashi b’intwari bake ni bo bazosigara i Kedari.” Uko ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]