Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Listen, my children, to a father's instruction; pay attention, and gain understanding. Bana banje, nimutege amatwi inyigisho z’umuvyeyi; muzishireko umutima kugira ngo mugire ubwenge.
2 I am giving you sound teaching, so do not abandon my instruction. Ndiko ndabaha inyigisho nyazo; none rero ntimukanke inyigisho zanje.
3 For I too was a son to my father, tender and the only beloved of my mother. Kuko nanje narabaye umwana kuri data, kandi narakundwa cane na mama nk’umwana w’ikinege.
4 He taught me and said, "Let your heart hold on to my words; keep my commands and you will live. Data yanyigishije ati: “Ushire amajambo yanje ku mutima, ugendere mu mabwirizwa yanje, ni ho uzobona kubaho.
5 Get wisdom, get understanding; do not forget, and do not turn away from the words of my mouth. Rondera ubwenge, rondera ugutahura; ntiwibagire amajambo yanje canke ngo uyavemwo.
6 Do not forsake her, and she will protect you; love her, and she will watch over you. Ntugahebe ubwenge kuko ni bwo buzokuzigama; ahubwo ubukunde kuko ni bwo buzokurinda.
7 The beginning of wisdom is this: get wisdom; and with all you acquire, get understanding. Kugira ngo ube umunyabwenge, rondera ubwenge. Naho vyogusaba gutanga ivyawe vyose, bitange uronke ugutahura.
8 Cherish her, and she will lift you high; embrace her, and she will bring you honor. Niwabuha agaciro, na bwo buzokugira uwuhambaye. Bugumbire, na bwo buzoguhesha icubahiro.
9 She will set a garland of grace on your head; she will present you with a crown of glory." Buzokwambika urugori rusharije ku mutwe, bukwerekane wambaye urugori rw’ubwiza.”
10 Listen, my son, and receive my words, and the years of your life will be many. Ntega amatwi mwana wanje, wemere ivyo nkubwira, ni ho imyaka yo kubaho kwawe izokwongerekana.
11 I have taught you the way of wisdom; I have led you along straight paths. Ndakwigisha inzira z’ubwenge, kandi ndakurongorera mu nzira zigororotse.
12 When you walk, your steps will not be held back; and when you run, you will not stumble. Mu gutambuka ntakizogutangira, kandi niwiruka ntuzotsitara.
13 Hold on to instruction, do not let go; guard her, for she is your life. Ucakire inyigisho zanje, ntuziveko. Uzizigame neza kuko ni zo buzima bwawe.
14 Do not set foot on the path of the wicked, and do not walk in the way of evildoers. Ntuze utumbereze ibirenge vyawe mu nzira z’abanyakibi, canke ngo ugendere mu ngeso z’inkozi z’ikibi.
15 Avoid it, do not travel on it; turn away from it and pass on by. Irinde inzira yabo, ntuyicemwo, ahubwo hindukira ufate inzira yawe.
16 For they cannot sleep unless they do wrong; they are robbed of rest unless they make someone stumble. Kuko ntibashobora gusinzira badakoze ikibi; ntibaruhuka batagize uwo batsitaza.
17 They feed on the bread of wickedness and drink the wine of violence. Barya ivyokurya bivuye mu kibi, bakanywa umuvinyu w’umuryano.
18 But the path of the righteous is like the light of dawn, shining brighter and brighter until the full light of day. Inzira y’abagororotsi ni nk’umuco wo mu mutwenzi, ugenda urushiriza gukayangana gushitsa ku murango.
19 The way of the wicked is like deep darkness; they do not know what makes them stumble. Ariko inzira y’abanyakibi imeze nk’umwijima w’umuzitanya, ntibamenya n’ico batsitarako.
20 My son, pay attention to my words; listen closely to my sayings. Mwana wanje, niwumve ivyo nkubwira, utege amatwi amajambo yanje.
21 Never lose sight of them; keep them deep within your heart. Ntuze wigere uyibagira, uyazigame mu mutima,
22 For they are life to those who find them, and healing to their whole body. kuko azanira ubuzima abayakira, akabaha amagara meza mu mubiri wabo wose.
23 Above all else, guard your heart, for everything you do flows from it. Urinde umutima wawe kuruta ibindi vyose, kuko muri wo ari ho hari isoko y’ubugingo.
24 Keep crooked speech from your mouth, and keep deceitful lips far from you. Ushire kure yawe amajambo y’ubupfu, urinde akanwa kawe kuvuga amajambo mabi.
25 Let your eyes look straight ahead; fix your gaze directly before you. Wame uraba imbere yawe, amaso yawe uyahange ibiri imbere yawe.
26 Give careful thought to the path for your feet, and all your ways will be secure. Wiyumvire cane ku nzira ugiye gucamwo, utumbereze ibirenge vyawe mu nzira y’ukuri.
27 Do not turn to the right or the left; keep your foot away from evil. Ntukebereze i buryo canke i bubamfu, urinde ibirenge vyawe vyoye gukurikira ikibi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]