Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 My son, pay attention to my wisdom; listen closely to my understanding, Mwana wanje, shira umutima ku majambo y’ubwenge nkwigisha, wumvirize neza amajambo yanje akwigisha ugutahura,
2 so that you may guard discretion and your lips may preserve knowledge. kugira ngo ushobore kumenya ikibereye, akanwa kawe kavuge ivy’ubwenge.
3 For the lips of the forbidden woman drip honey, and her mouth is smoother than oil, Kuko akanwa k’umugore w’umusambanyikazi gasosa nk’ubuki, amajambo yiwe anyerera gusumvya amavuta.
4 but in the end she is bitter as poison, sharp as a double-edged sword. Ariko mu nyuma arura gusumvya ikintu cose kirura, agacumita kurusha inkota y’ubugi bubiri.
5 Her feet go down to death; her steps take hold of the grave. Ibirenge vyiwe bimanuka bija mu rupfu, kandi intambuko ziwe nta handi zijana atari mu mva.
6 She gives no thought to the path of life; her ways wander, and she does not know it. Ntiyiyumvira ku nzira ijana mu buzima, inzira ziwe ziramuzimiza, ariko ntabibona.
7 And now, my sons, listen to me, and do not turn away from the words of my mouth. None rero, mwana wanje, ntega amatwi; ntiwirengagize ivyo ndakubwira.
8 Keep your way far from her, and do not go near the door of her house, Uze wigire kure uwo mugore, ntuze wegere n’umuryango w’inzu yiwe,
9 lest you give your honor to others and your years to one who is cruel, kugira ngo ntiwiyake icubahiro cawe ngo ugihe abandi, imyaka y’ubuzima bwawe ukayiha ruburakigongwe.
10 lest strangers take their fill of your strength, and your hard-earned labors go to the house of a foreigner, Abantu utazi ntibabe ari bo barya ubutunzi bwawe, ngo ivyo wabiriye akuya bitungishe inzu y’uwundi muntu.
11 and at your end you groan, when your flesh and body are consumed, Mu misi yawe ya nyuma uzoboroga, umubiri wawe umaze kuba akaheze.
12 and you say, "How I hated discipline, and my heart despised correction! Uzovuga uti: “Ese ingene nanse gutozwa indero! Ese ukuntu nirengagije ukugabishwa!
13 I did not listen to the voice of my teachers or heed my instructors. Vyangendeye gute ngo sinumvire abigisha banje, canke ngo ntege amatwi abarezi banje?
14 I was at the brink of utter ruin in the midst of the assembled congregation." Ehe ngeze aho umwansi ashaka bidatevye, maramariye imbere y’ikoraniro ry’abantu.”
15 Drink water from your own cistern, flowing water from your own well. Unywe amazi yo mw’iriba ryawe wiharije, amazi atemba ava mw’iriba ryawe.
16 Should your springs overflow in the streets, your streams of water in the public squares? Mbega amasoko yawe akwiye gutemba akuzura amabarabara, canke imigende yawe igatembera mu bibanza vy’amahuriro?
17 Let them be yours alone, and not shared with strangers. Nibibe ivyawe bwite, ntukabisangire n’abahita.
18 May your fountain be blessed, and rejoice in the wife of your youth, Isoko ryawe riragahezagirwa, nawe unezerererwe umugore wo mu buto bwawe.
19 a loving doe, a graceful deer. May her love satisfy you always; may you be captivated continually by her love. Ameze nk’impongokazi iteye igomwe, nk’ingeregere ihimbaye. Amabere yiwe akubumbe ibihe vyose, kandi wame ukwegwa n’urukundo rwiwe ibihe vyose.
20 Why then, my son, should you be captivated by a forbidden woman and embrace another man's wife? Mwana wanje, ni igiki cotuma ukwegwa n’umusambanyikazi, ukagumbira igikiriza c’umugore w’icigenze?
21 For a man's ways are before the eyes of our Father, and he examines all the man's paths. Kuko ingeso z’umuntu zigaragarira Uhoraho, ni we asuzuma inzira ziwe zose.
22 The wicked are caught by their own wrongdoing and held fast in the cords of their sin. Ibikorwa bibi vy’umunyakibi ni vyo bimubera umutego, kandi imigozi y’ivyaha vyiwe ni yo imuboha.
23 He will die for lack of discipline, and he will go astray because of his great foolishness. Azokwicwa no kutamenya ingene yitwara, azimizwe n’ubujuju bwiwe bwinshi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]