Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 My son, do not forget my teaching, but let your heart keep my commandments, Mwana wanje, ntuze wibagire ivyo nakwigishije, ahubwo uzigame amabwirizwa yanje mu mutima wawe.
2 for they will add length of days and years of life and peace to you. Ivyo niwabikora, bizokwongera imyaka yo kubaho, kandi ubuzima bwawe buzororanirwa.
3 Do not let covenant love and faithfulness leave you; bind them around your neck, write them on the tablet of your heart. Urukundo n’ubwizigirwa bize vyamane nawe, uze uvyambare mw’izosi, uvyandike mu mutima wawe.
4 So you will find favor and a good reputation with our Father and with people. Ni ho uzogira ikiganza ciza n’izina ryiza imbere y’Imana n’abantu.
5 Trust in our Father with all your heart, and do not lean on your own understanding. Wizigire Uhoraho n’umutima wawe wose, ntiwishimire ugutahura kwawe.
6 In all your ways know him, and he will make your paths straight. Wame urondera ugushaka kwiwe mu vyo ukora vyose, na we azogorora inzira zawe.
7 Do not be wise in your own eyes; fear our Father, and turn away from evil. Ntiwishimire ubwenge bwawe, ahubwo wubahe Uhoraho kandi uve mu kibi.
8 This will bring healing to your body and refreshment to your bones. Ivyo bizotuma umubiri wawe ugira amagara meza, bitume n’amagufa yawe yoroherwa.
9 Honor our Father with your wealth and with the firstfruits of all your produce, Wubahishe Uhoraho ubutunzi bwawe, hamwe n’ivya mbere vyo mu vyeze mu mirima yawe.
10 then your barns will be filled with plenty, and your vats will overflow with new wine. Na we azosesekaza umwimbu mu bigega vyawe, amato yawe yame asesekaye umuvinyu.
11 My son, do not despise the discipline of our Father or be weary of his correction, Mwana wanje, ntukagaye uguhana kw’Uhoraho, kandi ntukanke ukugabisha kwiwe;
12 for our Father disciplines the one his heart loves, just as a father disciplines the son he delights in. kuko Uhoraho agabisha abo akunda, kurya umuvyeyi abikorera umwana akunda.
13 Blessed is the one who finds wisdom, and the one who gains understanding, Hahiriwe umuntu yironkeye ubwenge, akironkera ugutahura.
14 for the gain from her is better than gain from silver, and her profit better than gold. Kuko ubwenge busumvya agaciro ifeza, kandi ivyamwa vyabwo birusha agaciro inzahabu.
15 She is more precious than jewels, and nothing you desire can compare with her. Ubwenge burusha agaciro akabuye kitwa imaragarita, kandi nta co kwipfuzwa na kimwe cogereranywa na bwo.
16 Long life is in her right hand; in her left hand are riches and honor. Kuramba kuri mu kuboko kwabwo kw’i buryo, mu kubamfu kwabwo na ho hari ubutunzi n’icubahiro.
17 Her ways are pleasant, and all her paths are peace. Inzira zabwo ni inzira zinezereye, kandi ni iz’amahoro.
18 She is a tree of life to those who take hold of her; those who hold her fast are called blessed. Ubwenge ni igiti c’ubugingo ku babugumbira, kandi ni umugisha ku babwumirako bose.
19 Our Father by wisdom founded the earth; by understanding he established the heavens; Ubwenge ni bwo Uhoraho yashingishije imfatiro z’isi, kandi ugutahura ni kwo yashirishijeho amajuru.
20 by his knowledge the depths burst open, and the clouds drop down the dew. Kubera ubumenyi bwiwe, amasoko y’i kuzimu yaratobotse, ibicu na vyo bitonyanga imvura.
21 My son, do not lose sight of these; keep sound wisdom and discretion, Mwana wanje, ntukareke ubwenge nyabwo n’ukurobanura, ngo bive imbere y’amaso yawe;
22 and they will be life for your soul and an adornment for your neck. kuko ni vyo bizokubera ubuzima, bikubere ikirezi co gushariza mw’izosi.
23 Then you will walk on your way securely, and your foot will not stumble. Bizokuzigama mu nzira zawe, kandi ibirenge vyawe ntibizotsitara.
24 If you lie down, you will not be afraid; when you lie down, your sleep will be sweet. Niwaryama ntuzogira ico utinya; kandi niwasinzira, uzogira itiro riryoshe.
25 Do not be afraid of sudden terror, or of the ruin of the wicked when it comes, Ntugatinye ivyago bishitse giturumbuka, canke ukurandurwa gushikiye abanyakibi;
26 for our Father will be your confidence and will keep your foot from being caught. kuko Uhoraho ari we azokurinda, kandi azorinda ibirenge vyawe ngo ntibigwe mu mutego.
27 Do not withhold good from those who deserve it, when it is in your power to do it. Mwana wanje, ntukareke kugirira neza ababikwiye mu gihe ufise ububasha bwo kubikora.
28 Do not say to your neighbor, "Go, and come back, and tomorrow I will give it"—when you have it with you. Ntukabwire umubanyi wawe uti: “Genda uzogaruka; nzoguha ejo,” kandi ufise ico womuha ubwo nyene.
29 Do not plot evil against your neighbor, who lives trustingly beside you. Ntugategure kugirira nabi umubanyi wawe, uwo musanzwe mubanye mwumvikana.
30 Do not quarrel with anyone for no reason, when he has done you no harm. Ntugatongane n’umuntu ata mpamvu, ata kibi yagukoreye.
31 Do not envy a violent man, and do not choose any of his ways, Ntukipfuze kumera nk’abantu b’ibirandamuke, canke ngo wigane ingeso zabo na zimwe;
32 for the devious person is detestable to our Father, but he takes the upright into his confidence. kuko abanyakibi ari ikizira k’Uhoraho, ariko abamwubaha abagira abakunzi biwe.
33 The curse of our Father is on the house of the wicked, but he blesses the home of the righteous. Umuvumo w’Uhoraho uri ku nzu y’umunyakibi, ariko ahezagira urugo rw’umugororotsi.
34 Toward the mockers he is scornful, but to the humble he gives grace. Uhoraho agaya abacokoranyi, ariko agirira ubuntu abaciye bugufi.
35 The wise will inherit honor, but fools get only disgrace. Umunyabwenge azoragwa icubahiro, ariko ibipfu bizokorwa n’isoni.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]