Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 My son, if you receive my words and store up my commandments within you, Mwana wanje, niwakira amajambo yanje, ukazigama ivyo ndakwihanikiriza,
2 making your ear attentive to wisdom and turning your heart toward understanding; ugatega ugutwi amajambo y’ubwenge, ugashira umutima wawe ku gutahura,
3 yes, if you call out for insight and raise your voice for understanding, ugahamagara ubwenge, ukaririra ugutahura,
4 if you seek it like silver and search for it as for hidden treasure, ukabirondera nk’uwurondera ifeza canke ubutunzi buhishijwe,
5 then you will understand the fear of our Father and find the knowledge of our Father. ico gihe uzomenya kwubaha Uhoraho ico ari co, kandi uzogira ugutahura kuvuye ku Mana.
6 For our Father gives wisdom; from his mouth come knowledge and understanding. Kuko Uhoraho ni we atanga ubwenge, kandi mu kanwa kiwe ni ho hava ubumenyi n’ugutahura.
7 He stores up sound wisdom for the upright; he is a shield to those who walk in integrity, Ni we afise intsinzi y’abagororotsi mu bubiko bwiwe, kandi ni we nkinzo y’abagenda batunganye.
8 guarding the paths of justice and watching over the way of his faithful ones. Ni we azigama inzira z’abagororotsi, agakingira abamwizigiye.
9 Then you will understand righteousness and justice and fairness—every good path. Aho ni ho uzomenya ibigororotse, ibitunganye hamwe n’ibibereye, umenye n’inzira zibereye,
10 For wisdom will enter your heart, and knowledge will be pleasant to your soul; kuko ubwenge buzokwinjira mu mutima wawe, maze ubumenyi bube umunezero w’umushaha wawe.
11 discretion will watch over you, and understanding will guard you, Guhitamwo neza kuzoba umurinzi wawe, kandi ugutahura kuzokuzigama.
12 rescuing you from the way of evil, from men who speak twisted things, Ubwenge buzokurinda kugendera mu nzira z’ababi, bukurinde n’abavuga amajambo y’ubupfu.
13 who abandon the paths of uprightness to walk in the ways of darkness, Abo bata inzira zigororotse, bakagendera mu nzira z’umwijima.
14 who delight in doing evil and rejoice in the perversity of evil, Bahimbarwa no gukora ikibi, bagahimbarirwa ubuhumane bwabo.
15 whose paths are crooked, and who are devious in their ways. Iminyuro yabo iragoramanze, kandi inzira bajana zirabazimiza.
16 Wisdom will rescue you also from the forbidden woman, from the stranger with her smooth words, Ubwenge buzokurinda umugore w’umusambanyikazi, bukurinde n’amajambo asosa y’umugore w’umunyangesombi,
17 who forsakes the companion of her youth and forgets the covenant of her Father. yataye umugabo wo mu buto bwiwe akava mw’isezerano yagize imbere y’Imana.
18 For her house sinks down to death, and her paths to the dead. Kwinjira inzu yiwe bijana mu rupfu, ni inzira ijana i kuzimu mu mva.
19 None who go to her return, nor do they reach the paths of life. Nta wuja iwe ngo agaruke, canke ngo yongere asubire mu nzira y’ubuzima.
20 So you will walk in the way of the good and keep to the paths of the righteous. Ahubwo ugendere mu nzira y’abantu b’intungane, ugume mu nzira y’abagororotsi.
21 For the upright will live in the land, and those of integrity will remain in it; Kuko abagororotsi ni bo bazoba mu gihugu kandi inyankamugayo ni zo zizokigumamwo.
22 but the wicked will be cut off from the land, and the treacherous will be torn away from it. Ariko abanyakibi bazogikurwamwo, abahemu na bo bakirandurwemwo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]