Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 22 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 A good name is to be chosen rather than great riches, and favor is better than silver or gold. Kuvugwa neza biruta kugira ubutunzi bwinshi, kandi kwemerwa kurusha agaciro ifeza n’inzahabu.
2 The rich and the poor meet together; our Father is the Maker of them all. Umukire n’umworo bafise ico basangiye: Uhoraho ni we muremyi wabo bompi.
3 The prudent sees danger and takes cover, but the simple keep going and pay the price. Umunyamakenga yama abona icago kitaramushikira akacikinga, ariko igipfu gipfa kugenda, hanyuma kikisanga mu kaga.
4 The reward for humility and the fear of our Father is riches and honor and life. Ukwicisha bugufi n’ukwubaha Uhoraho bizana ubutunzi n’ukuramba.
5 Thorns and snares lie in the path of the crooked; whoever guards his soul stays far from them. Inzira y’umunyakibi irimwo amahwa n’imitego, ariko uwurinda umutima wiwe abica kure.
6 Train up a child in the way he should go, and even when he is old he will not depart from it. Umenyereze umwana guca mu nzira ibereye, niyakura ntazoyivamwo.
7 The rich rules over the poor, and the borrower is slave to the lender. Umutunzi ategeka umukene, kandi uwusavye ingurane aba umuja w’uwumuguranye.
8 Whoever sows injustice will reap calamity, and the rod of his fury will fail. Uwubiba kugira nabi azimbura imibabaro, kandi inkoni y’uburake bwiwe izovunagurwa.
9 Whoever has a generous eye will be blessed, for he shares his bread with the poor. Uwutanga arahezagirwa, kuko asangira ivyiwe n’umukene.
10 Drive out the scoffer, and strife goes with him; quarreling and abuse will cease. Irukana umucokoranyi, maze abanyabihari bajane na we, ni ho imivurungano no gutukana bizovaho.
11 Whoever loves a pure heart and speaks graciously will have the king as his friend. Uwukunda kugira umutima utanduye akavugana imbabazi abami bazoba abagenzi biwe.
12 The eyes of our Father keep watch over knowledge, but he overturns the words of the traitor. Inyonga z’Uhoraho zirinda abafise ubwenge, ariko imigambi y’abanyakibi arayisibanganya.
13 The lazy person says, "There is a lion outside! I will be killed in the streets!" Umunyabute avuga ati: “Hari intare hanze, ninasohoka iranyica!”
14 The mouth of forbidden women is a deep pit; whoever draws our Father's anger will fall into it. Akanwa k’umugore asambana ni icobo kirekire, abashavuza Uhoraho bazokigwamwo.
15 Foolishness is bound up in the heart of a child, but the rod of discipline drives it far away. Ubupfu bwuzuye mu mutima w’umwana, ariko inkoni yo guhana izobumukuramwo.
16 Whoever oppresses the poor to enrich himself, or gives to the rich, will come only to poverty. Uwucinyiza umukene kugira ngo agwize ubutunzi bwiwe, hamwe n’uwuha ingabire umutunzi bompi bazogwa mu bukene.
17 Listen carefully to the words of the wise, and apply your heart to my knowledge, Tega amatwi wumve amajambo y’umunyabwenge; ushire umutima ku vyo ndakwigisha.
18 for it will be pleasant if you keep them within you, if all of them are ready on your lips. Kuko ari vyiza kuzigama iyi migani mu mutima wawe, kandi wame uyifise mu kanwa kawe.
19 So that your trust may be in our Father, I have made them known to you today, even to you. Ndakwigishije uwu musi, koko ndakwigishije, kugira ngo ushire ivyizigiro vyawe k’Uhoraho.
20 Have I not written for you thirty sayings of counsel and knowledge, Nakwandikiye imigani mirongo itatu, imigani yuzuye impanuro n’ubwenge;
21 to teach you what is right and true, so that you may give a true answer to those who sent you? ni ho uzomenya amajambo y’ukuri, maze usubirane inyuma ayo majambo ku bakurungitse.
22 Do not rob the poor because he is poor, or crush the afflicted at the gate, Ntukanyage umukene kuko ari umukene, kandi ntukarenganye umworo mu rubanza.
23 for our Father will plead their cause and will rob of life those who rob them. Kuko Uhoraho azobaburanira, anyage ababanyaze.
24 Do not befriend a man given to anger, and do not go with a hot-tempered man, Ntukagiriranire ubugenzi n’umuntu yihuta kuraka, kandi ntukifatanye n’uwurakishwa n’ubusa,
25 or you will learn his ways and entangle yourself in a snare. ahandi ho wohava umera nka bo, ubuzima bwawe ukabuta mu mutego.
26 Do not be one of those who give pledges, who put up security for debts. Ntukishinge uwundi mu myenda yiwe canke ngo wiyemeze ko uzomwishurira,
27 If you have nothing to pay with, why should your bed be taken from under you? kuko nutashobora kuriha n’uburiri uryamako bazobugukurako.
28 Do not move the ancient boundary stone that your fathers set up. Ntuzokwunguruze akarimbi kashinzwe na ba sogokuruza.
29 Do you see a man skillful in his work? He will stand before kings; he will not stand before ordinary men. Hari abantu b’abanyamwete mu vyo bakora urabona? Abo bazokorera imbere y’abami ntibazokorera abasanzwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]