Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 23 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When you sit down to dine with a ruler, consider carefully what is before you, Niwasangira n’umutware, uzoshire umutima ku bishizwe imbere yawe.
2 and put a knife to your throat if you are a person ruled by appetite. Niwaba wari usanzwe urya cane, ugerageze ugabanye.
3 Do not crave his delicacies, for they are deceptive food. Ntukipfuze ivyokurya vyiwe biryoshe, kuko ivyo vyokurya birahenda.
4 Do not wear yourself out to get rich; have the wisdom to restrain yourself. Ntukarushwe no kwiruka inyuma y’ubutunzi, ariko ugire ubwenge bwo kwihangana.
5 The moment you look at wealth, it is gone, for it suddenly sprouts wings and flies off toward the heavens like an eagle. Ubutunzi uba ukibukubise ijisho bukaba bwagurutse, kuko bumera amababa bukaguruka nk’inkukuma.
6 Do not eat the bread of a stingy man, and do not crave his delicacies, Ntukarye ivyokurya vy’uwufise ijisho ribi, canke ngo wipfuze ivyokurya biryoshe vyiwe;
7 for he is the kind of man who keeps counting the cost. "Eat and drink!" he says to you, but his heart is not with you. aguma aharura igiciro cavyo, aranakubwira ati: “Fungura, nunywe!” Ariko ntibiba bivuye ku mutima.
8 You will vomit up the little you have eaten and will have wasted your pleasant words. Utwo watamiye uzotudahwa, kandi amajambo yawe yo kumushimira azoba yapfuye ubusa.
9 Do not speak in the hearing of a fool, for he will despise the wisdom of your words. Ntukaganirize igipfu, kuko kizogaya ubwenge buri mu majambo yawe.
10 Do not move an ancient boundary stone or encroach on the fields of the fatherless, Ntukunguruze akarimbi kandi ntukarenganye impfuvyi,
11 for their Redeemer is strong; our Father will take up their cause against you. kuko Umucunguzi wabo ari uwuhambaye; ni we ubwiwe azobaburanira.
12 Apply your heart to instruction and your ears to words of knowledge. Ushire umutima wawe ku kwigishwa, wongere utege amatwi amajambo y’ubumenyi.
13 Do not withhold discipline from a child; if you strike him with the rod, he will not die. Ntubure guhana umwana wawe; niwamukubita inkoni ntazopfa.
14 Strike him with the rod, and you will deliver his soul from the grave. Umuhanishe inkoni, uzoba umurinze ubupfu bw’umushaha.
15 My son, if your heart is wise, my own heart will be glad as well. Mwana wanje, niwagira ubwenge bwo mu mutima, umutima wanje uzohimbarwa.
16 My inmost being will rejoice when your lips speak what is right. Ibingize vyose bizonezerwa akanwa kawe nikavuga ibituganye.
17 Do not let your heart envy sinners, but continue in the fear of our Father all day long. Ntuze wemerere umutima wawe kwipfuza ivy’abanyavyaha, ariko wame uhahamiye kwubaha Uhoraho.
18 Surely there is a future, and your hope will not be cut off. Ni ho uzogira ivyizigiro vya kazoza, kandi ivyo vyizigiro ntibitetereza.
19 Hear, my son, and be wise, and keep your heart on the right road. Ntega amatwi Mwana wanje, kandi ugire ubwenge, uzigamire umutima wawe mu nzira igororotse.
20 Do not be among those who get drunk on wine or those who gorge themselves on meat, Ntukifatanye n’imborerwa, canke ngo usangire n’abakunzi b’inda,
21 for the drunkard and the glutton will come to poverty, and drowsiness will clothe them in rags. kuko bariko baja mu bukene, kandi itiro ryinshi rizobambika imishambara.
22 Listen to your father, who gave you life, and do not despise your mother when she is old. Umvira so wawe, we yakuvyaye, kandi ntugaye nyoko mu myaka yiwe y’ubusaza.
23 Buy truth and do not sell it; buy wisdom, instruction, and understanding. Wigurire ukuri, kandi ntuzokugurishe. Uronke ubwenge, indero nziza hamwe n’ugutahura.
24 The father of a righteous child will greatly rejoice; whoever fathers a wise son will delight in him. Se w’intungane agira umunezero mwinshi, kandi uwufise umwana w’umunyabwenge aramuhimbarirwa.
25 Let your father and mother be glad; let her who gave you birth rejoice. None rero uzohimbare so na nyoko! Nyoko yakuvyaye umutere umunezero.
26 My son, give me your heart, and let your eyes delight in my ways. Mwana wanje, numpe umutima wawe, kandi amaso yawe uyagumize ku nzira zanje.
27 For a prostitute is a deep pit, and an adulterous woman is a narrow well. Kuko umusambanyikazi ni icobo kirekire, kandi umugore w’icigenze ni ikinogo caga.
28 She lies in wait like a robber and leads many men into faithlessness. Yibundira abantu nk’umwambuzi, agatuma abagabo b’ibihemu bagwira.
29 Who has misery? Who has sorrow? Who has strife? Who has complaints? Who has wounds for no reason? Who has bleary eyes? Ni nde abonye ibara? Ni nde afise umubabaro? Ni nde afise amahane? Ni nde afise imyidogo? Ni nde afise inguma zatari zikenewe? Ni nde afise ijisho ritukurije?
30 Those who linger long over wine, those who go to sample bowls of mixed wine. Ni abama mu bunywero, bama bahonja ku nzoga nshasha.
31 Do not gaze at wine while it is red, while it sparkles in the cup and goes down smoothly. Ntukihweze inzoga itukurije, ibiragira mu kirahuri, ikimiminura!
32 In the end it bites like a serpent and stings like a viper. Amaherezo yayo ikomorana nk’inzoka, ubumara bwayo ni nk’ubw’inkoma.
33 Your eyes will see strange things, and your heart will utter twisted things. Amaso yawe azoraba ntabibone neza, n’ubwenge bwawe buziyumvira ibitaroranye.
34 You will be like one lying down in the heart of the sea, like one lying on the top of a ship's mast. Uzomera nk’uwuryamye hagati mu kiyaga, canke uwuryamye ku mutwe w’inyuma w’ubwato.
35 "They struck me, but I felt no pain; they beat me, but I did not know it. When will I wake up? I will look for another drink." Uzovuga uti: “Bankubise ariko sinababaye. Bampotaguye ariko nta na kimwe numva. Mbega nza kuvyuka ryari ngo nsubire nsome rimwe?”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]