Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 24 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Do not envy evil men, and do not desire to be with them, Ntukipfuze kuba nk’ababi, ntukipfuze kuba mu mugwi wabo,
2 for their hearts plot violence, and their lips speak of trouble. kuko imitima yabo yiyumvira kugira nabi, kandi iminwa yabo ivuga ivyo gutera imivurungano.
3 By wisdom a house is built, and by understanding it is established; Ubwenge ni bwo butuma inzu yubakwa, kandi ugutahura ni kwo kuyikomeza.
4 and by knowledge its rooms are filled with all precious and pleasant riches. Ugutahura ni kwo gutuma ivyumba vyayo vyuzura ubutunzi bwiza bw’igiciro.
5 A wise man is full of strength, and a man of knowledge increases his power, Umunyabwenge agira ubushobozi bwinshi, kandi uwutahura agwiza inkomezi.
6 for by wise guidance you can wage your war, and victory comes through many counselors. None rero ntuzoje mu ntambara utabanje kugirwa inama z’ubwenge; kuko intsinzi iva ku bajenama benshi.
7 Wisdom is too high for a fool; at the gate, he has nothing to say. Ubwenge buri aho igipfu kidahamvya; iyo kiri mw’ikoraniro ku nama ntikironka ico kivuga.
8 Whoever plans to do evil will be called a schemer. Uwigira inama yo gukora ikibi yitwa umugizi wa nabi.
9 A fool's scheming is sin, and the scoffer is detestable to people. Imigambi y’ubupfu ni icaha, kandi umucokoranyi yankwa n’abantu.
10 If you falter in a time of trouble, your strength is small. Niwiyonjorora rukamvye, uzoba wari ufise inkomezi nke.
11 Rescue those being taken away to death, and hold back those stumbling toward the slaughter. Urokore abatwawe kwicwa kubera akarenganyo, abajugumizwa n’uko bagira bicwe ntuzobirengagize.
12 If you say, "Look, we did not know this," does not he who weighs the heart perceive it? Does not he who watches over your soul know it? And will he not repay each person according to his deeds? Niwavuga uti: “Ariko ntitwabimenye,” mbega uwusesa imitima ntazoba abibona? Uwuzigama ubugingo bwawe arazi ko wari ubizi. Ni we azoha impera umuntu wese, ikwiranye n’ibikorwa yakoze.
13 My son, eat honey, for it is good, and the honeycomb's drippings are sweet to your taste. Mwana wanje, uzoje urarya ubuki, kuko ni bwiza. Ubuki buvuye mu kimamara burasosa ku rurimi.
14 Know that wisdom is just like this to your soul; if you find it, there is a future, and your hope will not be cut off. Ariko kandi umenye ko ubwenge na bwo busosera umushaha. Niwaburonka, uzogira ivyizigiro vya kazoza keza, kandi ivyo vyizigiro ntibizogutetereza.
15 Do not lie in wait, you wicked man, against the home of the righteous; do not destroy his resting place, Ntuzokwibunde inyuma y’inzu y’umugororotsi ugomba kumugirira nabi, kandi ntugasahure ivy’aho aba.
16 for though the righteous falls seven times, he rises again, but the wicked stumble in disaster. Kuko umugororotsi naho yogwa incuro indwi azosubira ahaguruke. Ariko abanyavyaha bazogwishwa n’amakuba.
17 Do not rejoice when your enemy falls, and do not let your heart be glad when he stumbles, Ntuze unezerwe umwansi wawe niyagwa, kandi niyatsitara umutima wawe ntuze unezerwe.
18 lest our Father see it and be displeased, and turn his anger away from him. Kuko vyohava bibabaza Uhoraho, bigatuma amukurako uburake bwiwe.
19 Do not fret because of evildoers, and do not envy the wicked, Ntugashavurire inkozi y’ikibi, kandi ntugashake kuba nk’umubi.
20 for the evil man has no future; the lamp of the wicked will be snuffed out. Kuko inkozi z’ibibi ntizigira ivyizigiro vya kazoza, kandi itara ry’umubi rizozimwa.
21 My son, fear our Father and the king, and do not join with those who rebel against them, Mwana wanje, wubahe Uhoraho, wongere wubahe umwami, kandi ntukifatanye n’abagarariji,
22 for their disaster will rise suddenly, and who knows the ruin that both of them can bring? kuko abo bompi bazomuteza ivyago ningoga. Kandi mbega ni nde yoshobora kumenya ivyago bazomuteza ingene bingana?
23 These also are sayings of the wise: Showing partiality in judgment is not good. Iyi ni iyindi migani y’abanyabwenge: Guhengama mu rubanza ni bibi:
24 Whoever says to the guilty, "You are innocent," peoples will curse him and nations will denounce him, Umucamanza abwira umubi ati: “Urera,” azovumwa n’abantu, kandi amahanga azomurakira.
25 but it will go well for those who convict the guilty, and a rich blessing will come upon them. Ariko uwuhana uwakoze icaha azoba agize neza, kandi imigisha myinshi izomuzako.
26 An honest answer is like a kiss on the lips. Inyishu igororotse imeze nk’ugusomana kw’abakundana.
27 Prepare your work outside, get your fields ready, and after that build your house. Banza uringanize neza ivyo hanze, utegure imirima yawe, hanyuma ubone kwubaka inzu yawe.
28 Do not be a witness against your neighbor without cause; would you deceive with your lips? Ntukaburanye umubanyi wawe ata mvo, kandi ntukamubeshere.
29 Do not say, "I will do to him as he did to me; I will pay the man back for what he has done." Kandi Ntukavuge uti: “Reka ndamwishure ivyo yankoreye, ndamusubirize mu nkoko ibihwanye n’ivyo yakoze.”
30 I passed by the field of a lazy man, by the vineyard of someone lacking sense, Umusi umwe naciye mu murima w’umunebwe, nca no mu ruzabibu rw’umuntu w’imburabwenge;
31 and there it was, all overgrown with thorns; the ground was covered with weeds, and its stone wall was broken down. nsanga ahantu hose hameze amahwa, urwiri rwameze hose, inzitiro z’amabuye zarahenaguritse.
32 Then I looked and took it to heart; I saw and received instruction. Maze niyumvira ku vyo mbonye, na vyo bimpa icigwa:
33 A little sleep, a little slumber, a little folding of the hands to rest, Niwavuga uti: “Hinge nisinzirire gatoya, mpungure gakeya, nigorore gatoya, mpfunye amaboko,”
34 and poverty will come upon you like a robber, and scarcity like an armed man. ubukene buzoguhwikira nk’igisuma, ubworo bugutere nk’umwambuzi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]